
UHORAHO IMANA YEHOVA WIYEREKANE.
Turanse yuko:
1.-Mugihugu abantu baguma bicwa, abapfumu, abakorana n’ubushobozi bg’amangetengete y’ikuzimu bakarongora Ihanga Ryatoranijwe.
2.-Abantu batonda mu mashengero no mu vyumba vy’amasengesho bakaguma baja no mu bapfumu n’abarozi.
3-Abigira abakozi b’imana baja mu bgicanyi bg’uburozi n’abicanyi.
4.-Abakozi b’Imana baja ikuzimu bagatanga ibimazi vy’intama z’Imana.
5.-Abigira abakozi b’Imana bakoresha ibiheko, bagasambanya abizera.
6.-Abigira abakozi b’Imana bagatesha umwanya abizera mukwigisha no gukora ibitagira ikimazi.
7.-Abinyegeza mu ba-Kristo kandi basenga ibigirwamana, basenga imizimu bagakora ibizira.
8.-Amadini n’amashengero akomeza kuba iyororero ry’Ivyaha aho kubgihaniro bg’ivyaha.
9.-Abakozi b’Imana bisukiranya n’amadini ya satani, imigambge n’amacakubiri.
10.-Abavyeyi bigisha urwanko abana n’abandi babashishagura bakanabaturubika.
Mana Nyeningabo, ushitse amasezerano ku gihugu cacu, mw’Izina rya Yesu Kristo, Amen!
Harico ubonye giteye amakenga mu gihugu no mw’ishengero utwandikire.