
INGANJI YA YESU KRISTO IREGEREJE KU GIHUGU NO MW’ISHENGERO.
Kuvuga ubuhanuzi n’amasezerano ku gihugu no mw’ishengero sibgo butumwa bgiza. Kwamamaza imburi vyofasha yuko abantu batinya bakihana canke banezerwa bakihana mugabo Imana ikeneye abacitse ivyaremwe bishasha kubgo ukwizera Yesu Kristo.
Hariho abantu iyo tuvuze isezerano bumva ari ibintu biryoshe cane mugabo yuko ari indoto gusa. Mbere hariho n’abandi kubera ivyo babonesha amaso bagira bati ubgo buvugishwa buri mw’isezerano ntaho butaniye n’ubusazi.
Hariho abandi bumvise tuvuga yuko turi abisezerano, yuko turi Ihanga Ryera ry’Imana, babishira mu bgenge bgabo barabihanahana banibaza yuko kuba uwatoranijwe ushobora kuvyigira. Bahavuye bazana inyigisho bigeneye mu bgenge bgabo, bazisukiranya n’ubuvugishwa basakumba hirya no hino maze n’abo bigira amahanga, bigira abavugishwa, bigira n’abafise intumbero. Abo barondera imirongo ya Bibiliya bahagararako kugira ngo bikwegereko benshi.
Isezerano ry’Imana ntiryibga kanatsinda badomeka ibihunda, umuriro w’ibishakari ntubikika. Imana iti urabikora nkahora ukibaza yuko mpwanye nawe! Zaburi 50:21
Hari imirwi myinshi yihagurukije ngo yishushanye n’Ihanga ry’Abera, imwe igerageza kurwanya Ihanga ry’Imana, iyindi ikoresha amajambo menshi y’amacurano n’amiganano; mugabo umurindi w’inkoko uherera ku gishimaryango. Atari ugusuka abantu mu kaga nta kindi impwemu zisutswe muri abo bantu zishobora gushikako kuko ivyo Uhoraho Imana nti bihindukizwa canke ngo vyibge. Biroroshe kumenya izo mpwemu:
- Bavugana urwanko mu mitima.
- Bavuga abandi nabi.
- Bishira hejuru y’abandi.
- Bavuga amajambo gusa atagira ibikorwa bivyara umusaruro.
Uhoraho akorera ku mwanya wiwe kandi akoresha abo yatoranije gusa kanatsinda nta n’igugu ry’abantu Imana ikenera kugira ngo ishitse umugambi wayo.
Ubu harageze yuko uwari yarazimiye canke yarazimijwe ava I buzimu akaja I buntu. Uwizera ico Imana yavuze wese, kubgo ukwizera atari kubgo igihahamu c’amaronko canke ukunezerererwa agatikizo k’abandi; umuntu wese yihane neza yezwe, akore ivyo ukugororoka kugira ngo ateramire ico Uhoraho yavuze.
Twese duhaguruke tuje gutangaza ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo, tuzane benshi ku kwizera, tubatize abizeye, dusengere abuzuzwa Mpwemu w’Imana kuko inganji ya Yesu Kristo ya shitse. Dusemerere hose kandi muri bose maze Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!