Uburinzi, ukuramba n’itunga niryo sezerano ry’Imana ridahinduka.

Uyu mwaka Uhoraho Imana yavuze yuko azokiza benshi, ahishure vyinshi kandi akore vyinshi mu gushitsa ivyo yasezeranye. Hariho abantu bumvise ivyo isezerano, imburi n’ubuhanuzi ntibatahura yuko kugira ngo biseruke mu mubiri bibanza kubaho mu Mpwemu bikaba ukuri kwamye. Abo bihutiye gutwara ivyo impwemu mu mubiri basiga Uhoraho Imana inyuma kubera birukira ivyubahiro, amaronko n’izindi nyungu babibonamwo.
Inyungu ya mbere bari bakwiriye kubona ni kuzana abazimiye ku gakiza, kubatunganya no kubashikana kuri Kristo. Kubera batwara vyose mu mubiri bagiye barasobeka ibinyoma mu mburi n’ubuhanuzi kandi abandi biyise abahanuzi mukwegeranya ivyo bumvise bagaca babihererekanya. Abo Imana ntibihanganira ica ibakurako amaboko. Ni naco gituma bamwe bishwe, abandi bakangazwa kandi ntibizogarukira aho.
Akarorero, Uhoraho Imana yasezeranye yuko kugira ngo ahe igihugu impore inkota yiwe izorigita abanyakibi, Umwampi wayo utobekeranye n’abari kure. Abigana ubuhanuzi bumvanye abo Imana yahaye ijambo, barahindukije ubgo buhanuzi ngo mwitegure Imana iraje guhindikiranya abanyavyaha n’abagororotsi mu gihugu c’Uburundi. Ngo kubanyakibi ni ukurimbura n’uguhana, ngo kubagororotsi naho ni ukwimbura no guhemba! Ivyo Imana yabibgiye nde yuko ije kwica rubi ababi n’abeza? Imana ntiyigera ivuguruza ijambo ryayo ryanditse muri Bibiliya kuko ntizi kubesha. Ijambo ryanditse kandi henshi munaryisomere Imana yama isesekaza imigisha kubayubaha bakitondera ivyagezwe vyayo. Muri iyo migisha harimwo uburinzi, ukuramba, kwuzuza ibigega, amahoro n’umunezero. Mwirinde abo bavugishwa b’ibinyoma bavuga yuko waba uri umunyavyaha canke umugororotsi ngo inkota iraje ku kwicisha. Abo bavuga ivyo murabishura muti mwaravangiwe canke mukorera satani mwinyegeje mu mburi, ubuhanuzi n’amasezerano kuko inkota y’Uhoraho Imana igenewe abanyakibi gusa, abansi bayo bonyene. Abera, abagororotsi n’abakunzi bayo ibarindisha ubuhiri ntawukorako. Ijambo ryayo niko rivuga muri Zaburi. Ntimusubire guhendwa canke ngo muterwe ubgoba n’abashumba b’inyererezi ngo ukore ivyaha canke ukizwe ngo inkota iraje. Urababgire uti iziye wewe kuko agahembo k’umugororotsi ni ukuramba kandi akabona ivyiza kuko niryo sezerano ry’Imana ridahinduka.