
Mu buzima ntuzokwama uronka ivyiza gusa. N’ibibi bizokwikurikiza. Ibibi burya bitaguhitanye biraguhitaniza inyigisho, kurinda, kwihangana n’inkomezi zo kunesha ikibi. Kandi guhura n’ikibi sivyo bibi, ikibi n’ukutamenya ingene ucifatamwo. Abantu benshi barabuze ababo, abandi barahunze, hari abapfunzwe, abakomerekejwe ku mitima no kumiriri atari uko bavyikwegeye mugabo kuko babikwegewe.
Uko biri kwose waragiriwe nabi, warigiriye nabi canke ikibi caragushikiye giturumbuka igikuru n’uko ukwiriye kumenya ingene uvyifatamwo kuko haracariho ivyizigiro.
Dufise Imana idahemuka mw’ijuru, dufise Uhoraho asezerana kandi agashitsa. Uko biri kwose, agira ati ngiye guhangana n’ibiguhanze, ngiye kuburanya indimi zikuburanya kandi ngiye kugutabara kuko ari jewe Uhoraho ndabivuze.
Umwe wese asabga kwihana neza, kubatizwa no kwama asenga. Usengere abaguhama, uhezagire abakuvuma hanyuma wibonere uguhora kw’Imana. Abansi bawe bazomaramara. Umwami Yesu Kristo yamamare!