Hari ibikoresho vya satani mu madini n’amashengero no mw’Ihanga Ryera ry’Imana vyararyikurikije mube maso.

Hanga Ryera ry’Imana ni mwebge mwese mwiteze kandi mwiteguriye ukugaruka kw’Umwami n’Umukiza Yesu Kristo aho agiye kuza gutora Ishengero ryiwe. Mu mwanya ataraza, nkuko Ishengero ryiwe tukiri hano kw’isi hariho abava mu mubiri kubera imvo zitandukanye: Ubusaza, ingwara, impanuka, intambara n’ibindi bituma uyu mubiri twambaye ubora.
Muri uru rugendo harimwo ibigeragezo, imitego n’amananiza menshi. Uretse ubukene, amagwara, intambara n’ibindi bitsitaza; hariho imitego ya satani utari umuntu w’Impwemu udashobora gutahura. Burya ishengero riragowe kuko ryaratewe. Mubigira abakozi b’Imana harimwo abakozi ba satani. Mu bungere, mu bavugabutumwa, mu basenzi, mu bavugishwa no mu baririmvyi harimwo intumwa za satani ni naco gituma mwumva indyane mu mashengero. [Yobu 1:6]
Abo ntibakizwa, bariyorobeka, bakabesha kandi bagakora ibishoboka vyose ngo basambure Ishengero. Abantu ni ukwama basaba Imana ngo ibagaragaze. Kandi dukoreshe n’ububasha twahawe mw’izina rya Yesu Kristo kugira ngo bahure n’inkoni y’Uhoraho Imana, Ishengero ritabarwe maze abizera bagendere mu muco. Twebge nk’umuryango w’Abera, abana b’Imana, harico uzi, harico ubonye giteye amkenga kivuge, ucerekane maze dushengeze satani n’ibikoresho vyiwe imbere y’Uhoraho Imana. Yesu yaranesheje rupfu nakuzimu kandi yarafuhaye ububasha bgo kubatsinda [ Luka 10:19]