Abantu benshi bazimiriye mw’ijambo ry’Imana nibo bagoye gutahuzwa ukuri gusumba abapagani.

ISHENGERO RYA YESU KRISTO- IHANGA RYERA RY’IMANA.

Urashobora kuba wibaza nk’abandi uti ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana ni igiki? Si idini kandi si Ishengero nkayo twumwa mu bihu abantu biyumvira bagashinga afise intumbero, imigambi n’abayitirirwa.
Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana ni umugambi w’Imana kw’isi wo gutegura umugeni wa Yesu Kristo mukwamamaza yuko uwo mwana w’Imana yatanze ikiguzi c’amaraso kugira ngo aze gucungura abizera bose. Uti none kubera iki hari ibihugu kandi n’igihugu c’Uburundi twumvise uwo mugambi warondeyemwo ukwemererwa n’amategeko? Mariko 12:17 haratibgira yuko duha Kayisari ivyo iwe maze ivyo Imana tukabiha Imana. Abavuga yuko ari abasohoke basohotse mu madini ico nico badatahura. Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana rirongorwa na Mpwemu w’Imana. Ryama risinguza Uhoraho Imana ku kintu cose kandi ni naco gituma tuvuga imburi n’ubuhanuzi vyabanje kwemezwa n’ijuru. Ivyo nivyo bizazanira amanyamadini n’abanyamashengero.
Bibiriya Yera yose niryo bgirizwa shingiro ry’umugambi w’Imana ariwo Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana. Kanatsinda kuva ku rupapuro rwa mbere rwo mw’itanguriro, gushika ku rupapuro rwa nyuma rwo muvyahishuriwe Yohana yose yanditswemo Umwami n’Umukiza Yesu Kristo. Ivyo ni ivyokurya vy’abakuze. Udafise ihishurirwa ntashobora kubitahura.
Kubera kudahishurirwa na Mpwemu w’Imana nico gituma hariho inyigisho nyinshi zitandukanye, benshi bagira imigwi yabo bakanazimiza abantu bigira ngo barazi ukuri mugukurikira ibi na biriya. Abo nyene nibo bagerageza kugwanya umugambi w’Imana batabizi gushika igihe Uhoraho azobahindukiriza nka Sawuli ari mu nzira I Damasiko canke akazobarekera mu buzimire bgabo bakazokwicuza ngo twavuga mw’izina ryawe none raba ibitubayeko. Muri abo aho kwamamaza no gushitsa ivyo Uhoraho yatumye gukora, bamwe biyigishiriza (1) ivyagezwe (2) Isabato (3) Amasezerano (4) Aberanda (5) Mariya (6) Abayuda (7) ibikorwa vya cagikoko (8) umusaraba (9) 666….
Ivyo vyose vyerekana ukutagira no kudatahura ico Uhoraho Imana yarungikanye Ishengero yarungitse mw’isi gukora. Ni uguhindura amahanga mukubagira abizera n’intumwa za Yesu Kristo, kubabatiza bakuzuzwa Mpwemu Yera maze bakaja ku kivi. Matayo 28:16-20. Abadakora ivyo baba bahagurukijwe no gusamaza abizera kandi ni benshi. Uwufise amaso n’amatwi ni atahure.