Uhoraho Imana yarungikanye ubutumwa umusavyikazi wayo ngo twese dusome Yesaya 21.



I.             Imburi yo ku bugaragwa buri ku kiyaga
 1 Imburi yo ku bugaragwa buri ku kiyaga. Nk’ukw agashururu ko mu gihugu c’i bumanuko gasuriranya, ni ko biza bivuye mu bugaragwa, mu gihugu giteye ubgoba.
2 Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni muduge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.
3 Ni co gitumye ikiyunguyungu canje cuzuye uburibge, ngafatwa n’ibise nk’ibise vy’umugore ari ku nda; ndaribga bituma ntashobora kwumva, ubgihebe bg’ubgoba butumye ntashobora kubona.
4 Umutima wanje urahuzagizwa, mpundagajwe n’ubgoba: ijoro nari nifuje ryampindukiye agatengo.
5 Batunganya ameza, bagashirah’ abashibamyi, bakarya bakanywa. Haguruka, mwa baganwa, musige inkinzo amavuta!
6 Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: ati Genda ushireh’ umushibamyi, az’ avuge ico yabonye.
7 Ni yabona umuce w’ingabo, ar’ abagendera ku mafarasi bagenda ari babiri-babiri, cank’ ar’ abagendera ku ndogoba, cank’ ar’ abagendera ku ngamiya, az’ abange amatwi yumvirize cane.
8 Maz’ avuga nk’intambge, ati Mwami, nama nirirwa mpagaze ku munara wo gushibamako, kandi ngakesha ijoro ku rubu rwanje:
9 Non’ ehe haje umuce w’ingabo zigendera ku mafarasi bagenda ari babiri-babiri. Arongera aravuga, ati Babuloni harakomvomvowe, harakomvomvowe; n’ibishushanyo bibajwe vyose vy’ibigirwamana vyaho bihindikiraniye hasi bivunaguritse.
10 Ewe wa muhure wanje, ewe mpeke zo ku mbuga yanje! Ivyo numvise bivuye k’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ni vyo mbabariye.
 
II.           Imburi yo kuri Duma
11 Imburi yo kuri Duma. Harih’ umpamagara ar’ i Seyiri, ati Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe? Yewe mushibamyi, ijoro rigeze hehe?
12 Wa mushibamyi aramwishura, ati Bugira buce, kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza, mubaze; muhindukire muze.
III.          Imburi yo kuri Arabiya
13 Imburi yo kuri Arabiya. Yewe wa gugu ry’Abadedani, mw ishamba ryo muri Arabiya ni ho muzorara.
14 Uwishwe n’inyota bamuzaniye amazi, ababa mu gihugu c’i Tema basanganije izo mpunzi ivyo kurya.
15 Kuko bariko barahunga inkota, inkota zisokowe, n’imiheto ifoye, n’ivyago vy’intambara.
16 Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: at’ Umwaka utarashira, urimbuye umwaka nk’uw’ umucangero, icubahiro cose c’i Kedari kizoshira;
17n’amasigarira yo mu gitigiri c’abarashi b’abahizi b’Abakedari bazoba imparurwa; kuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari we abivuze.