
UBUTUMWA BGURURUTSE BUZANYWE N’UWUVUYE MW’IJURU
“…Yaduganywe akajanwa muri Paradizo akumva ibitovugwa, ivyo umuntu atemerewa kuvuga.” [2 Abikorinto 12:1-4]
Ihanga Ryera ry’Imana ryagiriwe ubuntu n’Uhoraho Imana aho umwe muri twebge yajanywe mw’ijuru atari mu buryo bg’iyerekwa canke nzozi nkuko abantu babimenyereye mugabo yabanje gupfa akava mu mubiri hanyuma akajanwa mw’ijuru. Yagarutse haheze haheze iminsi itanu. Ivyo vyabaye mu ndwi iheze aho Uhoraho Imana yafushitsako ivyo yadusezeraniye.
Uwo mukozi w’Imana yari yabanje gukora amasengesho arangiza umwaka wa 2020 y’iminsi 26 aho yari yahishuriwe amabanga menshi kw’Ishengero no kugihugu. Ayo mabanga amwe ntituremererwa kuyashira ahabona, ayandi nayo tuzogenda turayabahishurira uko Mpwemu Yera azogenda araduha uburenganzira. Ni muri ico gihe nyene yahishurirwa yuko agiye gupfa mu mubiri mugabo yuko atogira ubgoba kuko igihe co gutaha ciwe kitaragera, azoca agaruka. Aho arangirije ayo masengesho y’iminsi 26 twarashimishijwe cane nivyo yahishuriwe vyose vyerekeye itunganywa ry’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana kuko Yesu Kristo agiye kugaruka gutora umugeni n’ivyerekeye ingene Imana igiye gushitsa amasezerano ku guhugu cacu. Ariko nti twari tuzi yuko urupfu rwiwe yeretswe ruri hafi cane.
Bagenzi, Imana ifise umuvuduko n’umurindi munini muri vyose yasezeranye. Kw’igenekerezo rya 12/1/2021 mu gaturuturu yahavuye ava mu mubiri arapfa. Yarasinziriye, ntiyasubira guhema, umutima wiwe ntiwasubira gutera n’umubiri uragabanuka ubushuhe nkuko twavyiboneye. Mugabo kuko twari twahishuriwe ibanga ko Uhoraho Imana yasezeranye ku mutwara hanyuma akamugarukana, urupfu rwiwe twarugize ibanga kandi twarishimye yuko agiye kwa Yesu Kristo kumuganiriza amaso mu yandi no kuzana amabanga y’ihanga kandi azogaruka. Inyuma y’iminsi itatu yaragarutse mu mubiri akanya gato aje guhumuriza twebge twasigaye mw’isi aca yonngera aragenda, yagarutse iminsi itanu iramanye. Muri iyo minsi aho yajanywe, ivyo yabonye, ivyo yabariwe n’ubutumwa yahawe bgerekeye abari munsi yizuba bose; tubivuze vyose bgoca bukira. Tuvyanditse coba urutabo amahero. Tugiye kugerageza kubavuvurira ubutumwa yazaniye umuntu wese agomba kuzoja mw’ijuru, ubgo yazaniye abari mw’Ihanga ry’Imana biteguriye amasezerano. Yaje azanye urutonde rw’Imana muri iyi minsi isi yose iriko iraca mu bintu biteye amakenga. Kurikire Radio Isezerano Internationale.