Indyadya n’ibihemu vyinyegeza mw’Ihanga ry’Imana bigiye kugaragazwa n’Uhoraho Yehova.

UHORAHO IMANA YIHANGANIRA VYINSHI

Abantu biyita abakizwa abandi bakiyita abakozi b’Imana nibo basigaye batukisha izina ry’Uhoraho ku mugaragararo. Barashobora kwigana bakavugishwa, bagasingura , bagashinga intahe kandi bagasengera abantu kandi bazi ubgabo yuko ari indyadya. Abo nyene nibo bahindukira bakagerageza gusambura Ishengero ryashizweho n’Imana. Ushobora kugerageza kuburabuza umugambi w’Imana ukoresheje amayeri yose mugabo impera n’imperuka Uhoraho akakwereka yuko udashobora kumutsinda kandi yuko agendana n’abamwubaha bakitondera ivyagezwe vyiwe.
Abo nyene biyitirira ivyo Imana batavezwe, nibo badatinya kurementanya, kubesha no gukora ivyo abatazi Imana bakora, gutyo bakaba agatukisha ku Mana. Nibo bizibizo bigomera ngo abizera bagomba kugororokera Imana bacike inkokora bibaza yuko gukizwa no kudakizwa neza arico kimwe. Twebge nkishengero rya Yesu Kristo IHANGA RYERA RY’IMANA, duhamagarira abizera bose kwihana, kwezwa no gukizwa neza kuko ABERA nibo bazobona Imana. Atari kera, Uhoraho Imana araje kugaragaza indyadya no kuzihana maze uwukijijwe abe uwukijijwe koko. Umwami Yesu yamamare!