
IMBURI YURURUTSE IVUYE MW’IJURU KUWA 26/01/2021
Imana ibarira IHANGA RYERA RY’IMANA kuburira abantu [EZECHIEL 3:1-15]
Uhoraho Imana Yehova, NDIHO, NDUWO NDIWE yongeye kurungikana ijambo umusavyi wayo, ati: “Genda ushikire ihanga ry’Abarundi uti muzogeza ryari kwivanga n’ayandi mahanga, mu kwivanga n’amadini y’urukozasoni ku Mana yabatoranije, mwebge nyene mugasenga ibigirwana mugakora n’ibindi bizira vyo guharurana mu moko, gutungana intoke mushorana no mu makungu. Mwateye umugongo ivyagezwe vy’Uhoraho!”
Arongera ati: “Genda ushikire Abarundi iyo bari hose, uti nabarungikiye abavugishwa nanje n’abasemerezi bavuye mu mihingo yose, bamwe murabapfunga, abandi murabatuka ngo babuze ico bakora bose muranka kubumvira, none ndihagurukiye. Ndaje guhana no guhemba bidatinze.”
1Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ico ubonye ukirye; urye uwo muzingo, uheze ugende, ubarire inzu ya Isirayeli.
2 Nuko nasamika akanwa, angaburira uwo muzingo.
3 Arambarira, ati Mwana w’umuntu, haza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye. Nuko ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubuki.
4 Maz’ arambgira, ati Genda, ushikire ab’ inzu ya Isirayeli, ubabarire amajambo yanje.
5 Kuko ntagutumye kw ihanga ry’abavuga imvugo itumvikana n’ururimi rugoye, ariko ni ku b’inzu ya Isirayeli;
6 si ku mahanga menshi avuga imvugo zitumvikana n’indimi zigoye, abo mudashobora kwumvikana mu majambo. N’ukuri iyaba ari bo ngutumyeko, bo bokwumviye.
7 Arikw inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’ inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadada, bikomantaje imitima.
8 Ehe mpinduye mu maso hawe ngo hakomere hahangare mu maso habo, n’uruhanga rwawe ngo rukomere ruhangare impanga zabo.
9 Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare: ntuz’ ubatinye canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.
10 Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyakire mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe.
11 Uheze ugende, ushikire abo mu bgoko bganyu b’abanyagano, uvugane na bo ubabgire, bovyumva, batovyumva, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.
12 Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe.
13 Kandi numva uguhinda kw’amababa ya vya binyabugingo yagenda arakomanako, n’uguhinda kwa ya makurudumu yar’ i ruhande yavyo, mbere kwar’ uguhinda kw’ugusuma gukomeye.
14 Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.
15 Maze nshikira ba banyagano i Telabibu, baba ku ruzi Kebari, nshika aho hantu baba; mpamara imisi ndwi numiwe nicaye hagati yabo.
Babgire ingen’ umuntu w’Imana akwiye kuburira abari mu vyaha.
16 Nukw iyo misi ndwi ishize, ijambo ry’Uhoraho rinzako,
17 riti Mwana w’umuntu, nkugize umushibamyi w’inzu ya Isirayeli; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubammenyeshereze ivyo mbaburira.
18 Ni nabgira umunyakibi, nti Ntuzobura gupfa: nawe ugaheza ntumuburire, canke ng’ ugire ico uvuga co kuburira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi, ng’ ukize ubugingo bgiwe, uwo munyakibi azopfira mu bigabitanyo vyiwe; arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako.
19 Ariko ni waburira umunyakibi, ntahindukire ngw areke ibibi vyiwe, canke ngw ave mu nzira yiwe mbi, azopfira mu bigabitanyo vyiwe; ariko weho uzoba urokoye ubugingo bgawe.
20 IIkindi, umugororotsi ni yahindukira akareka ubugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, nanje ngashira igitsitaza imbere yiwe, azopfa: kuk’ utamuburiye, azopfira mu caha ciwe; kand’ ibikorwa vyiwe bigororotse yakoze ntazobiharurwako, arikw’amaraso yiwe nzoyakuronderako.
21 Yamara ni waburira umugororotsi, uwo mugororotsi ngo yoye gukora icaha, na we ntagikore nyene, ntazobura kubaho, kuko yemeye kuburirwa; kandi nawe uzoba urokoye ubugingo bgawe.
Muntu usomye ubu butumwa, kugira ngo ukize benshi bashoboka, usemerere ubutange ubabgire uti:”Uhoraho Imana avuze ngo mwihane, mukizwe kugira ngo muzokire ivyago bigeye kubashikira. Umwami Yesu yamamare!