Imana iguma ihishura yuko yiyiziye kugira ico ikoze.

IHANGA RYERA RY’IMANA:
IMBURI YURURUTSE IVA MW’IJURU KUWA 31-01-2021
Umusavyi w’Uhoraho Imana yongera kwumva ijwi rituragara rivuye mw’Ijuru riti:
“Mwana wanje, nagutoranije kuva kera kugira ngo uburire ihanga natoranije.
Genda wongere ubabgire uti nabatumyeko abahanuzi benshi baza kubaburirira
ariko kandi hariho n’abahanuzi b’ibinyoma bihagurukije n’abahagurukijwe na
wa murwanizi kugira ngo aze kubahuvya, gusuka urujijo mu buhanuzi no
kubazimiza.” Arongera ati: “Wongere ubabgire uti muzomenya abavugishwa
b’ukuri kuko bazobigisha urukundo kandi bagendere mu kugorororka. Abo
bazirinda amajambo y’imburakimazi, birinde kwishira hejuru no gutera
uruhagarara mu bantu banje.” Uhoraho Imana yongera kwibutsa ihanga ryiwe
ati:” Mukanya gato igihugu canyu nzocogesha amazi y’isegenya, nkubure
ibigihumanya vyose, maze ndagihindure gishasha kibe icirore ca ya myaka 1000
y’inganji y’Umwami Yesu Kristo kw’isi.” Amen!
I. Ukubohwa kwa Satani kw’imyaka 1.000 [Ivyahishuriwe Yohana 10:1-6]
1 Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguruzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.
2 Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,
3 agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.
4 Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kand i mbona ubugingo bg’ abaciwe amazosi, babahora gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batasenze ca gikoko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.
5 Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere.
6 Uri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Iman a na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.
II. Ijuru rishasha n’isi nshasha [Ivyahishuriwe Yohana 21:1-8]
1 Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.
2 Mbona umurwa wera Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.
3 Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerera muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.
4 Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.
5 Ivyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Raba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.
6 Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ufise inyota nzomuha kunywa kw isoko y’amazi y’ubugingo ku buntu.
7 Unesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.
8 Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.

IHANGARYIMANA@GMAIL.COM CEL: +257-61404181 APP: ISEZERANO