
Nkuko mubibona, hari abagize ukwiba umwuga kandi batemberera mu mashengero ari n’abanyagahwayi baje kurondera abo basahura. Bakoresha icengenge, amayeri, ikinyoma kugira ngo bashikire imitima y’abantu. Bamwe bakoresha amafoto y’abantu bagwaye ingwara zikomeye ngo bakenewe gufashwa, abandi bagakoresha inzu z’utururi ngo ni bafashwe kandi abo bahemu bafise ama mangazini badandarizamwo. Mubirinde kuko ni abasuma. Hari uwufise ico asaba canke uwufise ico agomba guterera ni ace mu nzego z’Ihanga Ryera ry’Imana, abantu bareke gusahurwa.