Haguruke mwese abasenga mu kuri dutuze umwansi w’abantu n’Imana. Ivyo Imana ntibivangwa n’ivya satani.

ABINGINZI MUHAGURUKE DUSENGE: AGAHINYUZA KI KARUMELI KIYEREKANE

                     MW’IZINA RY’UBUSHOBOZI RYA YESU KRISTO!

1.-Mugihugu twakuze tubona abantu bicwa, abandi bahunga kubera abitwa aba-Kristo n’abakozi b’Imana binyegeza mu moko n’imigambge, bihagarare!

2.-Abantu batonda mu mashengero no mu vyumba vy’amasengesho bakaguma biba, babesha, baja no mu bapfumu n’abarozi, bamenyekane!

3-Abasenga mu kuri baraburabuzwa, bagaturatuzwa kandi indyadya n’abapfukamira ibishushanyo bidibamiye, biherere aha ukuri gutsinde ikibi!

4.-Abakozi b’Imana baja ikuzimu bagatanga ibimazi vy’intama z’Imana, bakongera bakaja ahera h’Imana ngo bariko bakorera Imana, bisendwe!

5.-Abigira abakozi b’Imana bakoresha ibiheko, bagasambanya abizera bakaguma mu bikorwa kubgo inkomezi z’amareba, tubisanganguze!

6.-Abigira abakozi b’Imana bagatesha umwanya abizera mukwigisha no gukora ibitagira ikimazi, imyaka igahera abantu ntibakizwe ngo bezwe, birangire!

7.-Abinyegeza mu ba-Kristo kandi basenga ibigirwamana, basenga imizimu bagakora ibizira. Bahagarare kugira ngo abasenga mukuri bashirwe hejuru!

8.-Amadini n’amashengero akomeza kuba iyororero ry’Ivyaha aho kuba ubgihaniro bg’ivyaha. Uja gusenga abe agiye gukizwa, kuva ubu!

9.-Abakozi b’Imana bisukiranya n’amadini ya satani, imigambge n’amacakubiri. Aba-Kristo bakaba imbohe zabo nk’imbeba zafashwe mu kamashu, bihagarare!

10.-Abavyeyi bigisha abana babo urwanko, abandi babashishagura babaturubika babareresha inkoni. Bihagarare!

Umu-Kristo w’ukuri wese apfukame duhamagare ijuru, Uhoraho Imana yiyerekane maze yururuke gushitsa ivyo yasezeraniye abayubaha. Yesu Kristo Yamamare!