
ABINGINZI MUHAGURUKE DUSENGE: AGAHINYUZA KI KARUMELI KIYEREKANE
MW’IZINA RY’UBUSHOBOZI RYA YESU KRISTO!
1.-Mugihugu twakuze tubona abantu bicwa, abandi bahunga kubera abitwa aba-Kristo n’abakozi b’Imana binyegeza mu moko n’imigambge, bihagarare!
2.-Abantu batonda mu mashengero no mu vyumba vy’amasengesho bakaguma biba, babesha, baja no mu bapfumu n’abarozi, bamenyekane!
3-Abasenga mu kuri baraburabuzwa, bagaturatuzwa kandi indyadya n’abapfukamira ibishushanyo bidibamiye, biherere aha ukuri gutsinde ikibi!
4.-Abakozi b’Imana baja ikuzimu bagatanga ibimazi vy’intama z’Imana, bakongera bakaja ahera h’Imana ngo bariko bakorera Imana, bisendwe!
5.-Abigira abakozi b’Imana bakoresha ibiheko, bagasambanya abizera bakaguma mu bikorwa kubgo inkomezi z’amareba, tubisanganguze!
6.-Abigira abakozi b’Imana bagatesha umwanya abizera mukwigisha no gukora ibitagira ikimazi, imyaka igahera abantu ntibakizwe ngo bezwe, birangire!
7.-Abinyegeza mu ba-Kristo kandi basenga ibigirwamana, basenga imizimu bagakora ibizira. Bahagarare kugira ngo abasenga mukuri bashirwe hejuru!
8.-Amadini n’amashengero akomeza kuba iyororero ry’Ivyaha aho kuba ubgihaniro bg’ivyaha. Uja gusenga abe agiye gukizwa, kuva ubu!
9.-Abakozi b’Imana bisukiranya n’amadini ya satani, imigambge n’amacakubiri. Aba-Kristo bakaba imbohe zabo nk’imbeba zafashwe mu kamashu, bihagarare!
10.-Abavyeyi bigisha abana babo urwanko, abandi babashishagura babaturubika babareresha inkoni. Bihagarare!
Umu-Kristo w’ukuri wese apfukame duhamagare ijuru, Uhoraho Imana yiyerekane maze yururuke gushitsa ivyo yasezeraniye abayubaha. Yesu Kristo Yamamare!