Umubatizo mw’izina ry’ububasha rya Yesu Kristo mu ntara za CANKUZO RUYIGI NA MUYINGA.

UMUBATIZO MW’IZINA RYA KRISTO YESU MU NTARA ZA CANKUZO, RUYIGI NA MUYINGA

Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese ncuti z’umusaraba aho muri hose; muri wa mugambi wo gutegura umugeni wa Kristo Yesu abakozi b’Imana basengewe banyuragira mu bihugu no mu ntara bagenda barigisha kandi babatiza abizera.
Nkuko turiko turabikora mu bihigu vya Zambia, Zimbabwe, Malawi na Mozambike, mu gihugu cacu uyo mubatizo uriko urategurwa mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Muyinga. Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RYERA RY’IMANA ryabarungikiye abungere basengewe baje kubatiza uwizera wese atabatijwe mu mazi menshi. Ntaco bitwaye Ishengero wakirijwemwo kandi ntaco bitwaye nimba utarakizwa; igikuru n’uko wokwakira Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza wawe maze ukigishwa gukizwa neza kugira ngo Yesu Kristo niyaza gutora umugeni ntuze usigare mu banyavyaha. Turondere kuri izo nomero tugutunganirize.
Dushaka yuko Umurundi wese akizwa, akezwa kugira ngo yitegurire ivyo Uhoraho Imana yasezeraniye abagororotsi. Ntawe tugomba kujana mw’idini canke mw’ishengero ry’abantu. Tugomba yuko umwe wese aba mu mugabane w’abatoranijwe, Amen!