

Hanga Ryera ry’Imana nawe mu-Kristo aho uri hose, turabaramukije mw’izina ry’Umwami n’Umucunguzi wacu Yesu Kristo, shalom! Hariho abizera batamenya agateka kabo ngo bagahagararire kubera yuko baboshwe n’inyigisho z’ibinyoma canke imigenzo y’abantu. Ivyo ni ibiziriko biva kuri wa mwansi satani biva ku kutamenya ibanga ry’umu-Kristo. Uwa-Kristo ni umuntu yizeye ubutumwa bg’ukuri bg’ijambo ry’Imana Bibiliya Yera kuko kuva ku ntango muri Kuvayo gushika kw’iherezo ry’ico gitabo cahumetswe n’Imana arico Ivyahishuriwe Yohana havuga Yesu Kristo. Uwizera rero ategerezwa guhagararira ukuri mw’ijoro no ku murango, mu mvura no kuziba. Inyigisho z’ibinyoma ziza zivuga ivyo Imana mugabo zigashira mu bikorwa vyerekana yuko umuntu ariwe mutima wa vyose:
- ziza zishira hejuru zimugira igitangaza aho gushira hejuru Umwami n’Umukiza Yesu Kristo.
- ziza zivuga yuko umuntu ashobora kwicunguza inkomezi ziwe mukwubaha ivyagezwe, isabato, n’iyindi migenzo aho kwubaha uwabishizeho.
- ziza zigabanya ubushobozi n’icubahiro ca Yesu Kristo mu kubohora, gucungura no kujana n’ijuru uwizera wese.
Ntimukajanwe akayombere n’inyigisho z’urusinziriza kuko mwaremwe na Kristo, mwacunguwe nawe kandi niwe agiye kuza kubajana mw’ijuru. Niwe nzira n’ukuri n’ubugingo kandi ntaweja mw’ijuru atamujanye.
Mumaze gutahura iryo banga, muba muri mw’ishengero rya Yesu Kristo. Muba muri mw’Ihanga Ryera ry’Imana. Kandi ni ukumenya neza yuko nkuko satani yagerageje Yesu Kristo namwe atazotinya kubagerageza no kubagabako ibitero. Azana ubukene, ingwara, intambara, urwanko, amacakuri, urusaku, ibihuha n’ibindi vyo gucanishamwo abasangiye urugendo. Akoresha bamwe muri mwebge nyene kuko aho abana b’Imana bakoraniye nawe akorana nabo. Ni ugutonda urugamba rero mukagwana intambara kugira ngo satani n’ivyitso vyiwe batuzwe mw’Ihanga ry’Imana. Ntukicare ngo wiganyire canke ngo wibaze yuko ibintu vyikora. Ni ukuja ku mavi ugasenga, ugakura amaboko mu mpuzu ugakora kuko uwuri ku rugamba ntahunyiza. Ni ukwama tureretse iminyuro ya satani, abadayimoni n’ibikoresho vyabo agaseruye umutwe duhonda mw’izina rya Yesu Kristo kuko twahawe ububasha bgo guhonyora inzoka na sikoropiyo. [Luka 10:19]