
IHANGA RYERA RY’IMANA RIRAKEBURA ABA-KRISTO Bose yuko hariho imigwi y’ababeshi n’abasuma iryiyitirira .
Hariho imirwi y’abantu, bamwe ni abasuma abandi ni ibikoresho vya satani vyo kuyovya abanti. Muvyo bakora bagerageza kwigana Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RY’IMANA mu kwiyita amazina agomba gusa n’IHANGA atariryo. Batora nomero zanyu canke amazina yanyu bakabashira mu mirwi yabo kugira ngo bakunde bazimize benshi. Mubirinde kandi muve muri ayo ma groupes yabo.
Igihe cose muzobona iciyita IHANGA fate umwanya wo gusigiza Imana, ntiwumvirize, usome canke ngo urabe izo nyigisho z’ibinyoma n’ubukorikori bg’abantu. Bizobatesha umwanya binabakure mu rutonde rw’Imana kuko bajuragiza benshi. IVYO IHANGA RYERA RY’IMANA VYOSE MUZOBISANGAKO IKIMENYETSO C’IHANGA.
Yesu Kristo yamamare!