Babgire muti: Ucambara ibigwanishwa aja kurwana ntaze yihane nk’uwuvyambura avuye kunesha.

UHORAHO IMANA ARIKO ARAREMESHA ABIZERA BOSE NA CANE CANE IHANGA RYERA RYIMANA RYOSE.

Hirya no hino hose kw’isi hariho ibintu bibera munsi y’izuba bituma abantu benshi bihebura bagatakaza ukwizera.
Mu gihugu cacu c’Uburundi, ivyo bihahamura abantu vyazananye umurimdi munini kuko vyiyongeyeko ubukene busongwa n’imico n’imigenzo yononekaye bigatuma benshi biganyira.
Aba-Kristo nibo bari kubera akarorero abandi mugabo nabo bariyatse ijambo kuko bigenza nk’abapagani canke abandi bose bavuga Imana ku munwa gusa. Mu batanga ishano n’abaroga ubasanga mu mashengero naho nyene. Muba besha na ba nsumirinda mu mashengero niho buzuye bigatuma abizera bashasha batakimenya gutandukanya ukuri n’ikinyoma. Baratesheje agaciro AGAKIZA.

Satani yarahagurutse arabatera batangura kwiganyira.
No mw’Ihanga Ryera ry’Imana harahagurutse abagabo bagarariza uburongozi bga Mpwemu Yera n’abo Uhoraho Imana yagenye kurongora abandi. Abo bagabo bakora utunama two gusambura Ihanga Ryera Uhoraho Imana yihagurukije twobabgira iki? Yuko bazobona ico bikwegeye nka Kora, Datani na Abiramu ]Guharura 16:1-25] Burya abanyakibi Imana ibanza ikabareka bakiyamamura, hanyuma bagasanga yabarindiriye aharindimuka.
Nico gituma Uhoraho Imana ahumurije abera bose n’Ihanga ry’Imana ryose ngo ni mureme ari kumwe namwe kandi mumenye yuko intambara atari iyanyu ari iyo Uhoraho. Amen!