
Ihanga Ryera ry’Imana ntiryahagurukijwe no kuvuga imirongo ya Bibiliya ku mutwe canke kudondagura ivyagezwe uko bingana. Twahamagariwe kubishira mu ngiro kuko ibikorwa nivyo bivuga cane gusumba amajambo.
Kimwe mu bikorwa vyo gushitsa ivyagezwe ni ugufasha abagowe, abapfunzwe, abarwaye , abagendana ubumuga, abageze mu zabukuru, abana bo mwibarabara…
Igicaniro c’Ihanga Ryera co mu Ruyigi ku mugwa mukuru, abakigize barengera ubukene bginshi bafise maze ku minsi ya gatandatu kira ndwi bagateka infungurwa batwara kugemurira abapfunzwe. Barafise n’iyindi migambi y’urukundo no kugira neza.
Uragomba kubashigikira mu kubafata mu mugongo? Twabaha inomero mworonderako abarongozi kugira ngo muheze namwe mwinjire babashitsa icagezwe Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo yaduhaye twese [Matayo 25:34-40]
Ndabaramukij?Munsngere Mfis Umutwaro Wo Kwikinisha,nivyo Nkora Vyose Ntibitera Imbere
J’aimeJ’aime
Amahoro neza Tharcisse. Turiko turagusengera kandi nawe ufate ingingo yo kubiheba, igihe cose ico ciyumviro kije ucamagane. Umwami wacu Yesu Kristo akeongere inkomezi
J’aimeJ’aime