Vyukusenge Estella: Narakerewe hakoreshejwe umupanga ukarishe cane Imana irantabara, irangwanira.

Hariho abantu bama bumva umuntu yama mu mashimwe, aririmba, avuga ubutumwa agakorera Imana bakibaza ngo ni ukwigirisha canke ngo ni imitwe. Ariko hariho abantu bahisemwo gukorera Imana no kuyisenga mu kuri no mu Mpwemu kuko bazi aho yabakuye nico yabakoreye.
Estella Vyukusengenge ni umwe mu bakenyezi bagiye hiyo muri Asiya mu bihugu vy’abarabu kurondera ubuzima. Mugabo urubanza rumwe rwamaze zibiri kuko aravuga ubutumwa, agashingira intahe Yesu Kristo kandi agasengera abari muri ayo madini y’abatizera bakishurwa bagaca bizera Umwami w’abami Nyenububasha Yesu Kristo.
Ivyo si ivyo yigiye hariya. Akiri mu gihugu mu muryango yari yabanje guhingurwa. Yarakerewe n’umupanga uca ibibatsi, yaranizwe n’umuniganyi Uhoraho Imana aramutabara.
Yarahevye vyose, arahebeshwa n’abana yavyaye bose kandi kubgo ukwizera, kubgo kubungabunga agakiza yakiriye vyose aravyemera kandi arashima Imana.
Intahe yiwe yose murashobora kuyisaba kuri Radio Isezerano Internationale.
Ati wizere Yesu Kristo wenyene azogukingira, azogukiza, azogutabara kandi azoguha amahoro arutwa n’uko yomenywa n’uwariwe wese.
Saba intahe yiwe kuri +257 61404181