Uhoraho Imana arazanye agahinyuza nk’akabereye ku musozi Karumeli, uwufise amaso azobibona.

HINDUKIRA WIHANE UKORE IBIKORWA VY’IMANA MU KURI ATABURYARYA NTURANDUKE KUKO UHORAHO IMANA ARAJE GUHEMBA NO GUHANA.

Hariho abantu bama bumva twirirwa turasemerera mu masoko, Ku mabarabara no mu masengero, bumva twirirwa turigisha ku maradiyo n’imbonesha kure; twirirwa turandika kandi tugacapa ibihamagarira abantu kwihana; babona twigisha tukabatiza abantu, tukaja gufasha abagowe no kuraba abarwaye n’abapfungwa; bakibaza yuko turiko turata umwanya canke ngo n’uko tuyafise. Ntakindi turondera atari ugushitsa ivyagezwe mu gukora ico Uhoraho Imana yadutumye kuko ivyagezwe vy’Uhoraho si mu bitabo canke ku munwa, ni mu bikorwa kandi bisomora umutima. [Zaburi 19:7]

Abo bantu babona tugenda amahanga dushikiriza imburi n’ubuhanuzi, bakabona dufata iminsi y’amasengesho twisonzesheje, dusengera abarwayi maze twavuga yuko turi Ihanga Ryera ry’Imana kandi twahawe isezerano bikabatera ikiryoha no gufuha nabo bakiyita ihanga, bagaca bigana ubuhanuzi mbere bamwe muribo bakiyinjiza mw’Ihanga ry’Imana kugira ngo baryabure, barisambure canke barihindukize barijane mu madini n’imigambge, mu moko n’ibindi vyishushanya n’iy’isi. Ico bibagira n’uko Uhoraho Imana ataneshwa. Barabaza Farawo n’ingabo ziwe [Kuvayo 15:4], babaze Kora, Datani na Abiramu [Guharura 16:31-33]; babaze Balaki na Bakamu, babaze Ananiya na Safira [Ivyakozwe n’intumwa 5:1-11]. Uhoraho Imana ntabesherwa, ntacokorwa kandi ntiyiganwa!

Abo bagarariji bahinyura ububasha bg’Imana, bamwe muribo bari abavugishwa, abandi barabaye abavugabutumwa mugabo bahavuye bafatwa n’impwemu y’ubgangazi batangura kwishira hejuru. Bamwe muribo bihaye amazina y’ivyubahiro, abandi batangura kudandarisha Ingabire bahawe n’Imana ngo mubahe ibiryagu babasengere canke babahanurire. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yadutumye ngo mwabiherewe ubuntu, mubitangire ubundi. [Matayo 10:8]

Abo bahemu bahemukiye Uhoraho Imana bagahemukira n’ishengero rya Yesu Kristo ari naryo Hanga Ryera ry’Imana, iyo babonye bapfukuwe bagashirwa ahagaragara, baca bagerageza kwinyegeza mu kujana imanza mu butegetsi no mu masentare y’igihugu, bakaba bangeye icaha mu kindi kuko bibagira yuko Uhoraho Imana yihanikiriza abizera kwitwariranira mu batizera. [1Abikorinto 6:1-5]. Iyo vyose bibankiye baca baja mu bapfumu n’abarozi gutongera ngo ni amasengesho kuko abantu nkabo baba baraciriweko iteka.

Umuntu yiyita ngo ni umukozi w’Imana agahindukira akajamu bgicanyi bgaba ubgo gukoresha abicanyi basanzwe canke abakoresha imiti y’igishenzi, uwo akwiriye kumesurwa mu maraso ya Yesu Kristo akanogorozwa ijambo ry’Uhoraho Imana; ataruko akaranduka kuko ni igikoresho ca satani. Bariho benshi muri mwebge bavuga yuko bakijijwe kandi bakongera bakanaga urutoke. Barahari bifatanya n’abapfumu n’abarozi bagateza amasanganya, amageza, ibitega, ubudago, amahembe, n’ubundi bushobozi buva kuri satani. Abo mubamenye ni mubamenyeshe abarongozi b’abizigirwa bo mw’Ihanga ry’Imana kuko Imana yatubariye ngo ntibakabe muri twebge. [Gusubira muvyagezwe 18:10]

Ihanga Ryera ry’Imana ryahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na scoropiyo [Luka 10:19], ntihakagire umuntu n’umwe mu bizera, baba abari mw’ishengero rya Yesu Kristo canke abizera bakiri mu yandi mashengero, aba agikubagurwa n’amadayimoni canke amangetengete azanwa n’ivyo vyitso vya satani mw’ishengero. Turazura uducupa n’utugegene abo babisha bahamba mu mazu no ku mashengero nk’uko Mpwemu Yera abihishura, turasengera abarozwe n’abafashwe n’abadayimoni bagakira mw’Izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo. [Matayo 10:8] Ntihakagire uwusubira gutinya ubushobozi bg’amangetengete mw’Ihanga Ryera ry’Imana.

Ihanga ry’Imana rihagaze ku kugororoka ntirineshwa, ntawurihangara kandi na satani ubgiwe ryaramutaye kuw’amazi. Mu ntambara turwana na satani n’ibikoresho vyiwe, Uhoraho Imana abanza kureka abansi b’Ihanga ryiwe bakigaragaza, bagakora utunama bose bakaja ahabona, ibibaranga vyose yuko ari abana b’umwijima bikababonekako maze akabakubitira ahabona. Muramaze kubona canke kwumva bamwe biyimitse ngo ni abami b’Ihanga, abandi bakiha amazina y’amarogotano ngo ni ba Mukama: Beshop canke Musenyeri, ngo ni Nyenigitinyiro: Reverand kandi ari impumyi atajambo bahawe n’Uhoraho Imana, ari amarangamutima yabo. Abo bose bifatanije n’intakebga, bagiye kubona agahinyuza nk’akabereye i KARUMELI [1Abami 18:16-45]

Erega benshi batabonye yuko Uhoraho Imana yimanukiye guhindura ibintu, ikemeza abo bagaye bagasuzugura, nti bovyemera kuko niko intakebga zo mu mitima zimera. Hamwe hogira uwutarandurwa n’inkota y’Imana, agiye ku bibona mu mubiri no mu Mpwemu yuko hariho ubudasa hagati y’umuntu yihamagaye n’abahamagawe n’Uhoraho Imana. Ababarirwa n’abinyegeza mu murimo w’Imana bakavyita ibisanzwe kandi ari indyadya, abashaka kuzimiza intama z’Imana bakoreseje urwenge, uburyarya n’ikinyoma, kandi bariyizi. Witandukanye nizo mburakimazi wihane wezwe kugira ngo ukire uburake bg’Uhoraho. Umwami Yesu Kristo YAMAMARE HOSE!