Abakozi b’Imana bo mw’Ihanga Ryera bariko baranyuragira intara zose. Umubatizo mu ntara ya Bujumbura.

Umwami Yesu Kristo yamamare Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese ncuti z’umusaraba. Mugihe satani n’abambari biwe yataye umutwe akaba ariko aradedemba ayamuhe, Ingabo za Yesu Kristo bakora batiziganya kugira ngo bashikane benshi ku kugororoka bariko baranyuragira intara zose z’igihugu caco no mu mahanga bavuga ubutumwa bgiza bubohora kandi babatiza abizera bose ku bginshi. Barongerako bagatunganya n’ingaburo yera.
Mpwemu w’Imana aguma aduhishurira yuko hari abavugabutumwa b’ibinyoma bagiye gukwiragiza amajambo yo kugerageza gusevya no kwambika urubga Ihanga Ryera ry’Imana. Abo bazovuga ubutumwa bg’ibinyoma, abandi bahanure ibinyoma. Ntihagire uwo bizohungabanya umutima wiwe kuko Uhoraho Imana yahinduye amaambo yabo, ubupfu kuribo. Vyose vyacitse ubusa kuri bo kandi bari muyabira. Satani ntagahengwe kandi ntanisaganirizo azogirana Ihanga Ryera ry’Imana. Tuzoguma twigisha ukuri kwose, icaha tucitsa icaha, ukuri tukwita ukuri. Satani n’abakozi biwe bazoguma badedemba, basambagirika bata imitwe natwe tuzoguma dukora ushika ku mpera y’isi nkuko Yesu yabitugeze. [Matayo 28:16-20]
Muntu uri mu ntara ya abujumbura wame uzirikana ivyo Uhoraho yavuganye natwe kuko agiye kubishitsa, uwutarezwa yezwe, uwutarihana yihane kandi n’uwutarabatizwa abatizwe. Abakozi b’Imana bari kumwe namwe mu nyigisho, ubuhanuzi, umubatizo n’isangira ryera nk’uko biriko biragenda mu zindi ntara no mu makungu. Amafoto y’umubatizo wabaye uyu munsi mu gitondo mu ntara ya Bujumbura. Umwami Yesu Kristo yamamare!