
AMASENGESHO Y’IBICANIRO VYOSE YO MW’IBANGA MU GIHUGU COSE NO MU MAHANGA.
Ishengero rya Yesu Kristo si idini, si umurwi canke Ishengero nkayo mashengero mwumva avurwa hirya no hino kuko indiganizo, urutonde, amakoraniro, ivyizerwa n’uburongozi biratandukanye n’ivyo mubona kandi nivyo abantu bamwe boba biyumvira.
Turi Ihanga Ryera ry’Imana, rifise Umwami umwe gusa yitwa YESU KRISTO, turongorwa mu bikorwa vyose na Mpwemu Yera. Ni naco gituma turi hejuru y’amadini, amashengero n’imirwi y’abizera itandukanye. Duhamagarira umu-Kristo wese ndetse n’abanyamahanga kutabohwa n’amadini, n’amashengero, n’imirwi yitirirwa Imana mugabo umwe wese akabandanira kugororoka, kwezwa no gutungana gusa. Iryo dini canke Ishengero urimwo ntirizokujana mw’ijuru. Uzobona ijuru kuko wagororokeye Uhoraho Imana gusa. [Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10]
Bantu mwese ni mwumve! Idini canke Ishengero urimwo siryo rizokujana mw’ijuru, uzojanwa mw’ijuru n’uko wagororokeye Uhoraho Imana muri Kristo Yesu. Ntimutwarwe akayombekere n’imigenzo nivyo mu menyereye, Yesu Kristo yarabazaniye agakiza gatangwa ku buntu. Ni ukumwizera kugira ngo mube muri wa mugambi wiwe, abacunguwe, abatoranijwe, Ishengero ryiwe agiye kugaruka gutora [Yohana 3:16]
Bagenzi, nico gituma nk’uko Uhoraho yabidutegetse, ibicaniro vyose vy’Ihanga Ryera ry’Imana biri mu gihugu no mu mahanga; ababigize basengera igihugu cacu c’Uburundi n’Abarundi bose kugira ngo Uhoraho Imana ashitse ISEZERANO yadusezeraniye.
Abakozi batandukanye b’ukuri nabo bariko baranyuragira igihugu cose , imitumba yose n’uturambi bibutsa abaremwe bose iryo SEZERANO twahawe, bigisha ubutumwa bgiza bgo kwihana, kwezwa no kugororoka bagaca babatiza abizeye bose [Mariko 16:15].
Ivyo bikorwa bitera ipfuhe rinini satani n’ibikoresho vyiwe bigatuma ahagurutsa imburabgenge kurwanya Ihanga Ryera ry’Imana. Bamwe bajana amajambo y’ibinyoma mu butegetsi ngo Ishengero rya Yesu Kristo ntirikore ku mugaragaro n’umwidegenvyo. Ivyo bavyita kwotsa uburo mu kiyigira kuko bokora umunyota w’igifugutu kikabaturira. Umwami Yesu Kristo nta nahamwe yimirwa. Yishikira hose akivugira kandi akikorera.
Izindi mburabgenge satani azisuka mw’ishari, urwanko n’inzigo maze zishize hejuru nka satani zikavuga amajambo y’ubgansi, ugucokorana n’ubujuju bginshi. Kuri abo bose Mpwemu w’Imana abivuga avyeruye ngo: « Naho zitontoma ziraziritse » ni intozo si intambge. « Zirabgeja » kuko satani yaratsinze. Amasengesho y’abera ariko aracecekesha iminwa y’abavugishwa b’ibinyoma yose kuko Umwami wacu Yesu Kristo yaratsinze!
Nti hagire uwutinya uruvugo, iterabgoba rya satani, ibitero n’irementanya ryiwe. Haguruke mwese kandi mwemye, dukorere twese Uhoraho Imana yacu mu kuri no mu kugororoka, Amen!