
UBUDASA HAGATI Y’ISHENGERO N’ISENGERO- UMUTIMA W’UMUNTU NIWE RUSENGERO RWA MBERE.
Hariho abantu bitiranya ishengero n’isengero. Mbere iyo babonye isengero baca bibaza yuko hariho Ishengero. N’uyu munsi kandi hariho abantu, iyo batabonye inyubako bibaza yuko ata shengero rihari. Ukwo ni ukwihenda cane kuko hariho n’amasengero menshi atagira ishengero. Isengero riratandukanye n’ishengero kuko hariho inyubako zitwa isengero baja gukoreramwo ibizira, aho bambariza satani canke izindi mana twokwita mu Kirundi nk’ibitabo vy’imandwa. [1Abami 16:32]
Mu bisanzwe umuntu avuze ishengero ntaho bihuriye no kuvuga isengero. Kuko uvuze ishengero uba uvuze abantu, ariko uvuze isengero uba uvuze inyubako. Muri Bibiliya, intumwa Paul yaravyanditse neza ku buryo umuntu wese aca atahura ishengero icarico: “Mu ntahirize ishengero riri mu mazu yanyu” [Abaroma 16:5]. Ishengero ni umubiri wa Yesu Kristo, nawe akaba aribereye umutwe. Umubiri wa Kristo Yesu ugizwe n’abizera bose kuva wa munsi wa Pentecote aho Mpwemu Yera yamanuka intumwa zikuzuzwa maze zikavugishwa. [Abayefeso 1:22-23, Ivyakozwen’intumwa 2]
Ishengero rya Yesu Kristo rigizwe n’umuntu wese, iyo ari hose, afitaniye ubucuti ku giti ciwe na Yesu Kristo, akaba yamubereye Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe. “Kuko twese twabatijwe na Mpwemu umwe, mu mubiri umwe- yaba umuyuda, umugiriki, umuja, uwidegemvya, umuzungu, umwarabu, umunyafurika…-kandi twahawe twese Mpwemu umwe wo kunywako. [1Abikorinto 12:13]
Mu Burundi, nkuko hariho amazina y’imigambge yemewe n’amategeko irenga 36 niko hari n’amashengero yemewe n’amategeko asaga 800 afise amazina atandukanye. Mubisanzwe, nkuko Bibiliya ibiduhishurira, Ishengero ni umubiri wa Kristo Yesu ugizwe n’abo bose bamwizeye kugira ngo bazohabge ubuzima budashira. Iryo niryo shengero rimwe gusa ryategerezwa kubaho. [Yohana 3:16] None bigenda gute ngo habe ubudumbidumbi, ubuhojojo, ubudini n’ubushengero bginshi? N’uko bibazayuko kugira abantu n’inyubako arikwo kuba mw’ishengero. Muri ibi bihe Uhoraho Imana yahaye isezerano ihanga ry’Abarundi ryo gutwara umuvyuro n’ikanguro, hariho ibikorwa vy’ishaka ryinshi bitegerezwa kuja mu ngiro kubgo inyigisho z’urusinziriza abanyamadini bagiye barasuka mw’ishengero ry’Imana.
Ubu hariho abigira abakozi b’Imana kandi ari inyererezi n’abigira utumana kubgo ibintu n’abantu gushika naho badatinya amacakubiri, bakicisha bagenzi babo canke abo barongoye, bakiba bagasambana, bakabesha…. n’ibindi vyaha vyagahomerabunwa bikorerwa mu mashengero yabo. Birateye agahinda kubona abitwa abakozi b’Imana bamwe baja i kuzimu abandi baja kuraguza ngo bahabge ububasha bgo kuganza amashengero yitirirwa Imana. Abo nyene kugira ngo babe intakorwako, bivanga n’imigambge, amadini n’ubutegetsi maze ivyo Imana bigateshwa agaciro ivyo umubiri akaba arivyo bishirwa hejuru. Ishengero rya Yesu Kristo, wa mubiri wiwe abereye umutwe ntiryobireka uko.
Kugira ngo ivyo bihinduke icaha citwe icaha, ubuzimire bgitwe ubuzimire maze ngo ukugororoka kuje ahabona, hategerezwa kuba intwari zo mw’Ishengero rya Yesu Kristo zihaguruka zigasemerera zishize amanga. Dufise igikorwa co kuvyura amahema yaguye, kuvyura bagatwarwa akayombekere. Dutegerezwa kunyiganyiza ibijegajega kugira ngo tubikomeze. Hariho abavuga ngo iryo shengero rivuga nabi ayandi mashengero ryo ni iryahehe! Muvyo ukuri kw’isi yose hariho ishengero rimwe gusa rya Yesus Kristo.
Kuja kuvyura abantu n’amashengero asinziririye mu vyaha ntugenda usoboka kandi wongorera. Mu kuvyura uwasinziriye kugira ngo ntahure n’impanuka urakubita ku rugi, ukamuhamagara mw’izina, ugasemerera, mbere binakenewe ukinjira munzu ukamunyiganyiza. Nico kimwe n’iyo uriko urajana n’umuntu agenda arakonyera akwega amaguru, utangura umutera intege, mugabo ubonye ari umunyabute ntuguma umubgira utujambo two kumuryosharyosha. Uramuhamagara mw’izina ukamubgira ijambo rituma yinegura kugira ngo ntimuhere mu bugaragwa. Urwo nirwo rukundo rw’abana b’Imana.
Twebge nk’ishengero rya Yesu Kristo, ntidutegerezwa gutinya satani n’udutego twiwe. Yaratsinzwe hamwe I Golgota, aho Yesu Kristo yavuga yuko birangiye, duhejeje gucungurwa. [Yohana 19: 30] Twese dutegerezwa guhaguruka, abari kure n’abari hafi. ico Uhoraho Imana ahishuye kw’ihanga ry’Abarundi cose tukagishira ahabona kugira ngo ntihagire uwo tuzobazwa amaraso yiwe. [Ezechiyeli 33:9] Twahawe gutwara urumuri rw’isezerano kubaremwe bose tutaravye ngo aba bitwa ibi, bafise ibi na biriya mugabo tugenzwa no gutwara kwa kuri gutanga kwidegemvya kuri bose. [Yohana 8:32]
Nk’uko tugera ikirenge muca Yesu Kristo, twibuke yuko yasanze urusengero baruhinduye akaguriro aca afata ikimoko arirukana abagize inzu y’Imana akaguriro, aranatembagaza ama meza bariko baradandarizako. Yababgiye ati handitse ngo Inzu yanje yitwa urusengero ariko mwayihinduye ihuriro ry’ibisuma. [Matayo 21:12-13] Muri ibi bihe amashengero yacitse amadandarizo n’ibindi bihumanya, turakwiriye kugira ico dukoze. Semerere, bahamagare, banyiganyize bikangure, Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo Yamamare!