Ikibazo kigira Kane kigizwe n’utubazo 5/ utora inyishu imwe ku kabazo kose.

  1. ISHENGERO YESU KRISTO AZOGARUKA GUTORA NI:
    a) Amadini n’amashengero yiyita ay’aba-Kristo.
    b) Nta shengero Yesu Kristo azoza gutora.
    c) Abantu bose basanzwe baririmba, bagasenga kandi bakavuga ubutumwa.
    d) Amasinzi y’abantu bo mu moko, mu mpande z’isi zose bizeyeko bacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’intama bakiyambura icaha cose bakezwa.
  2. UBUZIMA BGA MISI YOSE BG’UMUGOROROTSI NI :
    a) Ubgo umuntu yama ariko aravuga canke yandika ivy’Imana.
    b) Ubgo umuntu yama ariko aragerageza gutunganira Uhoraho Imana mu vyiyumviro, mu mvugo no mu bikorwa vyiwe vyose.
    c) Ubgo umuntu yahisemwo gukurikiza ivyagezwe cumi vy’Imana.
    d) Ubgo umuntu yama akurikiza amabgirizwa Ishengero asengamwo.
  3. KUGIRA NGO UHORAHO IMANA ASHITSE ISEZERANO:
    a) Hazobanza kuba igihuhusi c’inkomezi ziwe gikubura abanyakibi.
    b) Abantu bazovyuka basanga vyikoze mw’ituze kuko ariko vyama bigenda.
    c) Izuba rizorasira mu burengero rirengere mu buseruko habe ubgirakabiri.
    d) Ntawuzi uko bizogenda tubitege amaso.
  4. YESU KRISTO AKIRI HANO KW’ISI YAKOZE IBITANGAZA KUGIRA:
    a) Ngo abantu bamwemere yuko ahambaye.
    b) Ngo abantu banezerererwe no kubona ivyo akora.
    c) Kugira ngo ashitse ivyanditswe vyemeza abantu ubutumwa avuga.
    d) Kugira ngo yikingire abayuda ntibamugirire nabi kuko batamwemera.
  5. KUGIRA NGO ISHENGERO RY’IMANA MU BURUNDI RISOMORWE:
    a) Urwamfu n’ururo vyokurana bagapfukapfuka ivyaha, Yesu azokwitorera.
    b) Harakwiriye abavugabutumwa benshi mvamakungu baza kwigisha Abarundi. c) Harakwiriye ibihano ku bungere b’inyererezi n’abaganza bivanze.
    d) Abizera bose barakwiriye kwezwa bakagoroka ivyaha bikaranduranwa n’imizi. WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APPMOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181