Inyishu z’utubazo twabajijwe mu kizamini kigira kane.

IBIBAZO VY’ IKIZAMINI KIGIRA IV
Hanga ryera ry’imana,muri rwarukurikirane rw’utubazo turiko turabazwa na mpwemu w’imana kugira dusuzume ko harico twashoboye gutahura bivanye nuko twagiye twigishwa na mpwemu yera kubw’amashure umwumwe wese yagiye acishwamwo na cane cane mukuvavanura n’inyigisho zitandukanye zitangwa mumadini amwamwe n’ibindi bisata zidafatiye kuri bibiliya ukuri kwuzuye kw’ijambo ry’imana.mpwemu w’uhoraho ariko aratanga utu tubazo muntumbero yo kwerekeza abakristo kukuri gufatiye kw’ijambo ry’imana.
Turakomeza gusaba ko abananiwe n’inyishu z’utubazo tumwe tumwe ko bokomeza kugira umwete wo gusoma bibiliya kugira utubazo tuzokurikira ntibazongere kunanirwa.iyambure inyigisho zose zidafatiye kukuri kwa bibiliya ijambo ry’imana n’ihishurirwa rya mpwemu yera.
IKIBAZO CA1: ISHENGERO YESU KRISTO AZOGARUKA GUTORA NI:
a) Amadini n’amashengero yiyita ay’aba-Kristo.
b) Nta shengero Yesu Kristo azoza gutora.
c) Abantu bose basanzwe baririmba, bagasenga kandi bakavuga ubutumwa.
d) Amasinzi y’abantu bo mu moko, mu mpande z’isi zose bizeyeko bacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’intama bakiyambura icaha cose bakezwa. (Ukuri)
Inyishu y’ukuri ni (d) kuko yesu kristo yabambiwe abantu bose, ntabwo yabambiwe igihugu kinaka gusa canke ishengero runaka nkuko bamwe bavyibaza.umuntu wese amugororokera akemera kurongorwa na mpwemu yera nkuko mu (abaroma 8:14;yohana 16:13-15) habivuga.mu vyahishuriwe yohana 7:9-10 haratomora neza ko inyishu ari (d).
IKIBAZO CA2: UBUZIMA BGA MISI YOSE BG’UMUGOROROTSI NI:
a) Ubgo umuntu yama ariko aravuga canke yandika ivy’Imana.
b) Ubgo umuntu yama ariko aragerageza gutunganira Uhoraho Imana mu vyiyumviro, mu mvugo no mu bikorwa vyiwe vyose.
c) Ubgo umuntu yahisemwo gukurikiza ivyagezwe cumi vy’Imana.
d) Ubgo umuntu yama akurikiza amabgirizwa Ishengero asengamwo.
Inyishu yukuri kuriki kibazo ni (b) [Luka 12:35-40; Matayo 24:36-39, Matayo 25:13] twisunze iyo mirongo yose dusanga muri bibiliya,turabona neza ko umuntu wese ahari akwiriye kwama agavye kuko yesu kristo ntamusi canke isaha yatanze yo kugaruka kwiwe kujana ishengero. [Mariko 13:32-33]
IKIBAZO CA 3: KUGIRA NGO UHORAHO IMANA ASHITSE ISEZERANO:
a) Hazobanza kuba igihuhusi c’inkomezi ziwe gikubura abanyakibi. (Ukuri) b) Abantu bazovyuka basanga vyikoze mw’ituze kuko ariko vyama bigenda. c) Izuba rizorasira mu burengero rirengere mu buseruko habe ubgirakabiri.
d) Ntawuzi uko bizogenda tubitege amaso.
Inyishu yukuri kuriki kibazo ni (a) kuko kuva na kera mugitabo c’ijambo ry’imana bibiliya turabona ko iyo imana ishatse guhindura amateka kuri israel yabanza guhagurutsa ingabo z’ibaburoni bamwe bagapfa abandi bakajanwa ari inyagano mugihugu atari icabo hama igaheza ikagirira neza amasigarira n’abambukanywe bakagarukanwa. Zekaliya 13:7-9, Zefaniya 3:8-13, Yesaya 60:21 Kandi mwibuke ivyabaye muri Edeni, Adam una Eva birukanywe mw’itongo n’umumalayika afise inkotayaka umuriro. Itanguriro 3:24 Ivyabaye kuri Nowa, Imana yarungitse umwuzure ukuraho abagarariji bose, amamiliyoni n’amamiliyoni y’abantu baricwa. Itanguriro 7:20-24 Murabe ivyabaye muri Egiputa, Uhoraho Imana yabateje ivyago gushika naho ingabo zabo zose ziherera mu kiyaga. (4) Mwibuke ivyabaye i Sodoma na Gomora, Imana yarungitse umuriro w’inkazi uturira abansi b’Imana bose. Kuvayo 19: 23- 25Mwibuke kandi n’ivyabaye mu gihe c’Intumwa, inkota y’Imana yasogose Ananiya na Safira. [Ivyakozwe n’Intumwa 5:10] Uturorero ni twinship muri Bibiliya.
IKIBAZO CA 4: YESU KRISTO AKIRI HANO KW’ISI YAKOZE IBITANGAZA KUGIRA:
a) Ngo abantu bamwemere yuko ahambaye.
b) Ngo abantu banezerererwe no kubona ivyo akora.
c) Kugira ngo ashitse ivyanditswe vyemeza abantu ubutumwa avuga. d) Kugira ngo yikingire abayuda ntibamugirire nabi kuko batamwemera.
Kuriki kibazo ca 4 dusanga inyishu yukuri ari ©turashobora gusoma imirongo imwimwe yo muri bibiliya: [Yohana 10:25;10:37;5:36;4:48;14:10-11; 1Korinto 1:22] Bibiliya iratubgira neza yuko Yesu Kristo yaje gushitsa ivyanditwse. Yarashikije n’ivyagezwe vose kugira ngo tube abidegemvya muri we.
IKIBAZO CA 5: KUGIRA NGO ISHENGERO RY’IMANA MU BURUNDI RISOMORWE:
a) Urwamfu n’ururo vyokurana bagapfukapfuka ivyaha, Yesu azokwitorera.
b) Harakwiriye abavugabutumwa benshi mvamakungu baza kwigisha Abarundi. c) Harakwiriye ibihano ku bungere b’inyererezi n’abaganza bivanze.
d) Abizera bose barakwiriye kwezwa bakagoroka ivyaha bikaranduranwa n’imizi.
Inyishu yukuri ni (d)turashobora kwishimikiza iyi mirongo yo muri bibiliya: [2Ngoma: 7:14, Ivyakozwe n’intumwa 3:19] Umuntu wese asabga kwihana, akiyeza maze agatunganywa gose kugira ngo acike umwana w’Imana. Igihugu cacu kizokizwa n’uko kirongowe n’abagororotsi, yuko gituwemwo n’abubaha Uhoraho Imana bakayigororokera. Ni uko tuzoba turi Ihanaga Ryera ry’Imana, abiteze kugaruka kwa Yesu Kristo.
Hanga Ryera ryIimana, aho muri hose, haba mu Burundi canke mu makungu; izo nizo nyishu z’ukuri kuriki kizamini ca kane umuntu wese asuzume aho yakosheje hama yikosore. Tugiriyeko twongera gutera akamo abantu mwese mudukurikirana kuri Radio Isezerano Internationale n’abandi bose muronka ubutumwa biciye kuri kuyindi mihora nka Application Mobile Isezerano, whatsapp, facebook, site internet n’ahandi; yuko mwogira umwete wo gusoma Bibiliya cane, ijambo ry’imana ryuzuye kugira n’utundi tubazo tuzotangwa mushobore kudutora. Mwitegurire akabazo kagira 5 mugusoma bibiliya no mukwuzanga Ijambo ry’Imana kugira ngo muryamemwo.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APPMOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181