IKIZAMINI kigira gatanu, tora inyishu imwe ku kabazo kose.

IKIZAMINI C’UTUBAZO DUTANU KIGIRA V

  1. KWUBAHA IVYAGEZWE VY’IMANA NO KURONGORWA NA MPWEMU YERA:
    a) Ni inzira yoroshe kuko ivyagezwe vyakuweho bisubirizwa n’ubuntu.
    b) Ni umunezero ku mu-Kristo kuko ivyagezwe bituma tubana neza n’Imana n’abantu mu gihugu, Mpwemu Yera nawe atwerekeza kuja mw’Ijuru.
    c) Uhitamwo kimwe ushaka kurongorwa naco ivyagezwe canke Mpwemu Yera. d) Izo nyishu zose zatanzwe sizo kuko ivyagezwe ni inyuguti, Mpwemu ni ubugingo. 2. KWIZERA IMANA N’UMUTIMA WAWE WOSE N’UBWENGE BGAWE BWOSE NI:
    a) Ukuba Umubikira canke Umupadiri canke Umwungere canke Umukizwa.
    b) Ugutanga ivyo ufise vyose, mbere ukaba wotanga umubiri wawe ngo u turirwe. c) Ukwama ubgira abantu bose ijambo ry’Imana nk’uko urizi kugira bahinduke. d) Ukwihana, ukezwa ukumvira Mpwemu Yera mu nzira zose akurongoramwo.
    3 ISEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI RYATEBEJWE N’UKO:
    a) Abarundi baryanse kuko riza guhindura inzego zari zihasanzwe.
    b) Ata bantu bari baritegereje ngo biyimike kandi bashinge inzego mfatakibanza. c) Igihe c’Imana kitari bgagere kuko Dawidi atari bgakure.
    d) igihe c’Imana kitari bgagere kuko yarindiriye yuko Abarundi benshi bihana.
  2. ABARUNDI B’ABAVUGABUTUMWA MU MASHENGERO NO KU MIHORA:
    a) Bake cane nibo bahamagawe n’Uhoraho Imana kandi irabashingira intahe. b) Bose ni abakozi kandi ntaco bitwaye kuko barafise ababemera.
    c) Bose ni indyadya mugabo dupfe kwumva ivyo bavuga ntiturabe ivyo bakora. d) Ntawobacira urubanza kuko kirazira kuraba ingiga iri mujisho rya mugenzawe. 5. UYU MUNSI UPFUYE CANKE YESU KRISTO YOGARUKA WOJA HEHE?
    a) Noja mu muriro udahera kubera n’iyizi yuko ndi umunyavyaha.
    b) Noja mw’ijuru kuko nzi neza yuko ndi umugororotsi yuzuye kubgo amaraso.
    c) Sinzi yuko noja mw’ijuru canke noja mu muriro kuko ata wimenya uko ahagaze. d) Ico kibazo ntigikwiriye kubazwa kuko ni ibanga ry’umutima w’umwumwe wese.
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM
    APP-MOB: ISEZERANO WHATSAPP +257 61404181