Inyishu z’ikizamini ca gatanu.

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA V
Nk’uko amategeko yo gukora ikizamini abitegekanya, ku kabazo kose umuntu atora inyishu imwe gusa y’ukuri. Naho hoba hari izindi nyishu nyinshi zigomba gusa n’ukuri haba hariho inyishu imwe gusa y’ukuri. Tubibutse yuko imvo nyamukuru ari uko Mpwemu w’Imana yasanze abantu benshi bafise ivyizerwa bitandukanye kandi vyinshi kubera inyigisho zitari iz’ukuri zikwiragizwa n’amadini, amashengero, imigwi n’abantu ku giti cabo. Yahavuye rero atanga ikizamini kugira ngo umuntu wese yisuzume inyishu zitanzwe aheze atere umugongo inyigisho z’ibinyoma. Ukoze akabazo kakakunanira rero ni akaryo ko kubona ukuri no ku kugendera.

  1. KWUBAHA IVYAGEZWE VY’IMANA NO KURONGORWA NA MPWEMU YERA:
    a) Ni inzira yoroshe kuko ivyagezwe vyakuweho bisubirizwa n’ubuntu.
    b) Ni umunezero ku mu-Kristo kuko ivyagezwe bituma tubana neza n’Imana n’abantu mu gihugu, Mpwemu Yera nawe atwerekeza kuja mw’Ijuru.
    c) Uhitamwo kimwe ushaka kurongorwa naco ivyagezwe canke Mpwemu Yera. d) Izo nyishu zose zatanzwe sizo kuko ivyagezwe ni inyuguti, Mpwemu ni ubugingo.
    Hari inyigisho nyinshi zivuga yuko umuntu ategerezwa kuja mw’ijuru aruko yubashe ivyagezwe 10 izindi zikavuga yuko ivyo vyagezwe vyakuwe bisubirizwa n’ubuntu bga Yesu Kristo. Igitangaje n’uko abo bahagaze kuri izo nyigisho usanga bameze nk’abashamiranye baharira bakanaterana amajambo. Ico bibagira n’uko Imana yo mw’isezerano rya Kera ni nayo Mana yo mw’Isezerano Rishasha. Kuko ntahinduka, uko yarari muri kahise, niko ari uyu munsi, no muri kazoza n’ibihe bihashira [Abaheburayo 13:8]. Imana yatanze ivyagezwe 10 ku musozi SINAYI ni nayo yatanze umwana wayo w’ikinege kugira ngo umwizera wese aronke ubugingo budashira. [Yohana 3:16]
    Ivyagezwe 10 vyatanzwe kugira ngo bibere Ihanga ry’Imana amategeko ngenderwako kugira arishoboze kubana neza n’Uhoraho Imana kandi abantu bongere babane neza hagati yabo. Si amabgirizwa arongora abantu kugira ngo abashikane mw’ijuru mugabo vyatanzwe kugira ngo bashobore kubaho amahoro mu gihugu c’isezerano ca hano kw’isi Imana yari yarabahaye, I KANANI. Kugira ngo utahure neza, wokwiga icagezwe cose ukwaco, itegeko ryose ukwaryo ico rivuga. Akarorero: “Ntukagire izindi mana umbangikanya…” Kuko imana z’abanyakanani zari nyinshi cane kandi barazibazira, bakibumbira ibishushanyo bakabipfukamira kandi bakabisaba. Imana yarabihanikirije kumera nk’abapagani baho hantu [Kuvayo 20:3, 34:14] kandi n’ayo mabgirizwa uyu munsi dutegerezwa kuyubahiriza kugira ngo tubane neza n’Imana. Akandi karorero twofata ni: “Wubahe so na nyoko kugira ngo urambire mu gihugu jewe
    Uhoraho nzoguha.” [Kuvayo 20:12] Iri bgirizwa co kimwe n’ayandi yose rirerekana yuko twubaha ibi vyagezwe icumi atari ukugira ngo bidushikane mw’ijuru mugabo ari ukugira ngo dushobore kwerekana yuko twubaha Imana kandi tubana neza n’abantu bigatuma turonka ingororano yo kubaho neza no kurambira mu Burundi Uhoraho Imana yaduhaye. Niba mubona abantu bama mu ndyane bakama bicana ni ukubera batubaha ivyagezwe vy’Imana. Abanyagihugu bobana bubaha ivyo vyagezwe bobaho mu mahoro n’iterambere. Iyo umuntu yizeye Yesu Kristo agakizwa neza, ntarinda kwambara ibi vyagezwe kwizosi no kuguma abisubiramwo umwanya wose; ahubgo yisanga avyubahiriza afise umunezero w’intsinzi. [1 Yohana 2:27] Ivyagezwe ni bizima kandi ni ukuri nta ngorane na ntoya biteye. Ibiteye ingorane ni imitima y’abantu, co kimwe n’inyigisho zomu mubiri kuko ivyagezwe ni ivyo impwemu. [Abaroma 7:14]
    Abarongorwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana [Abaroma 8:14] Uwo Mpwemu niwe adushitsa ku kumenya ukuri kwose [Yohana 16:13] Uwo nyene ni nawe adusengera atunihira iminiho itovurwa [Abaroma 8:26]. Iyo twizera Yesu Kristo tukarongorwa na Mpwemu w’Imana, nta cagezwe na kimwe tutokwubahiriza kanatsinda tuba turi mu rugendo rugana mw’ijuru kwa Data. Inyishu y’ukuri rero ni (B)
  2. KWIZERA IMANA N’UMUTIMA WAWE WOSE N’UBWENGE BGAWE BWOSE NI:
    a) Ukuba Umubikira canke Umupadiri canke Umwungere canke Umukizwa.
    b) Ugutanga ivyo ufise vyose, mbere ukaba wotanga umubiri wawe ngo u turirwe. c) Ukwama ubgira abantu bose ijambo ry’Imana nk’uko urizi kugira bahinduke. d) Ukwihana, ukezwa ukumvira Mpwemu Yera mu nzira zose akurongoramwo.
    Inyishu y’aka kabazo ni (D)kuko kugira ngo biboneke neza yuko wizera Imana n’umutima wawe wose, ubgenge bgawe bgose n’ivyo utunze vyose; utegerezwa kuba warizeye Yesu Kristo kuba umwami n’Umukiza wawe, ukezwa n’amaraso y’imbabazi yiwe maze ukarongorwa na Mpwemu w’Imana. [Imigani 3:5-6]
    3 ISEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI RYATEBEJWE N’UKO:
    a) Abarundi baryanse kuko riza guhindura inzego zari zihasanzwe.
    b) Ata bantu bari baritegereje ngo biyimike kandi bashinge inzego mfatakibanza. c) Igihe c’Imana kitari bgagere kuko Dawidi atari bgakure.
    d) igihe c’Imana kitari bgagere kuko yarindiriye yuko Abarundi benshi bihana.
    Isezerano ku gihugu c’Uburundi ritebejwe n’uko abarundi benshi batari bga menye igihe c’Imana kitari bgagere no kubera yuko Ab arundi benshi batari bgamenye yuko bahawe isezerano ry’igihugu c’amata n’ubuki kugira ngo bazotware umuvyuro n’ikanguro, kugira ngo bihane bariteramire. Ubu bose barumvise ubutumwa bgiza bg’umusaraba, baramenyeshejwe yuko bafise isezerano mu nzozi, imburi, ubuvugishwa n’ubuhanuzi. Abaraundi barasabge kwihana no kwezwa kugira ngo bitegurire ico Uhoraho Imana yabasezeraniye. Uhoraho Imana yama akorera ku rutonde rwiwe kandi no kugihe ciwe.
  3. ABARUNDI B’ABAVUGABUTUMWA MU MASHENGERO NO KU MIHORA:
    a) Bake cane nibo bahamagawe n’Uhoraho Imana kandi irabashingira intahe.
    b) Bose ni abakozi kandi ntaco bitwaye kuko barafise ababemera.
    c) Bose ni indyadya mugabo dupfe kwumva ivyo bavuga ntiturabe ivyo bakora. d) Ntawobacira urubanza kuko kirazira kuraba ingiga iri mu jisho rya mugenzawe.
    Mu Barundi, abavugabutumwa benshi mu mashengero no ku mihora ni indyadya, ibisuma n’abambuzi. Ivyo tubimenyeshwa n’ivyo Mpwemu Yera ahishura. Arabapfukura akabagaragaza! Benshi barivanze n’imigambge, amokoko n’ubundi bubisha bgaranzwe mu gihugu cacu. Bafatanije n’abicanyi, bamwe batanze abo bakorana imirimo y’Imana, abandi bicishije intama barongoye z’abizera babahoye ubgoko. Ntaho karoye, iyo bikinze agahumbezi bavuga ibintu bidahesha Imana icubahiro kandi bakora ivyo isoni nke. Dutegerezwa kubahanura kuko tutahawe Mpwemu w’ubuja n’ubgoba mugabo Mpwemu w’ubushobozi n’urukundo [2Timoteyo 1:7] Aba- Kristo bategerezwa gusuzuma yuko inyigisho bahabga zihuye n’ico ijambo ry’Imana rivuga, yuko abakozi bayitirirwa bagenda nkuko bibereye. Burya ntawutanga ico adafise kandi ku matovu ntushobora kwamurako imihwi. [Matayo 7:16] Amashengero menshi yononywe n’abigira abakozi b’Imana kandi badakijijwe. Barigana ubutumwa, bakigana amajwi n’imvuga y’abakozi b’Imana mugabo ari amabingira, abasuma n’abambuzi. Ntugapfe kwemeranya no kujana n’uwariwe wese.
    Inyishu ni (A) kuko hariho abakozi bake b’Imana yitoranirije. Abo nibo bigisha ukuri kandi Uhoraho Imana arabashingira intahe. Yesu Kristo yaravuze avyeruye ati ivyimburwa ni vyinshi ariko abimbuzi ni bake. [Matayo 9:37] n’uko bimeze no muri iyi minsi. Harageze yuko abahisemwo gukorera Uhoraho Imana, bamukorera mu kuri bakijijwe, ataburyarya kandi batiruka inyuma y’amaronko, ivyubahiro n’izindi nyungu abantu bahagararako.
  4. UYU MUNSI UPFUYE CANKE YESU KRISTO YOGARUKA WOJA HEHE?
    a) Noja mu muriro udahera kubera n’iyizi yuko ndi umunyavyaha. X
    b) Noja mw’ijuru kuko nzi neza yuko ndi umugororotsi yuzuye kubgo amaraso.√ c) Sinzi yuko noja mw’ijuru canke noja mu muriro kuko ata wimenya uko ahagaze. d)Icokibazontigikwiriyekubazwakukoniibangary’umutimaw’umwumwewese.
    Aka kabazo gasa n’akagoye abantu. Ubgambere ni ukubera yuko hejuru yuko utegerezwa gutora inyishu imwe y’ukuri, abantu bakaba bamenyereye guhitamwo inyishu ihagaze ku kuri kwa Bibiliye; umuntu wese ategerezwa kwisuzuma kandi akaba umunyakuri mu kwishura akurikije uko umutima wiwe umeze, agakurikiza ingene ibikorwa vyiwe biteye. Nico gituma uwishuye yuko yiyizi nk’umuvyaha, iyo nyishu yiwe ni ukuri. Abanditse (A) bagize neza kandi baragitoye, mugabo inyishu ntiherera aho nyene bategerezwa kugira ico bakoze ku buryo babayeho kugira ngo bave muri ako kaga. Tuhamagarire umuntu wese, yumva yuko hamwe urupfu rwoza canke Yesu Kristo akagaruka muri aka kanya yuko yohindura ivyo arimwo agaha ubugingo bgiwe Yesu Kristo kugira ngo ahinduke yakire agakiza yitegurire ubugingo budashira.
    Abibaza yuko ico kibazo kidakwiriye kubazwa barihenze cane gose ahubgo umuntu wese akwiriye kwibaza iminsi yose n’umwanya wose yuko urupfu ruje canke Yesu agarutse yoja mw’ijuru. Nico kimwe n’abibaza yuko bigoye kumenya yuko woja mw’ijuru canke woja mu muriro. Burya ugororotse urabimenya. Mpwemu Yera n’umutima wawe barabigushingira intahe. Ivyo biratandukanye n’abantu biremesha, bakibesha ngo boja mw’ijuru kandi bazi neza yuko bakigendera mu vyaha. Izo ni nazo ngorane dufise uyu munsi kubera yuko amashengero yacitse imishwena nkuko Mpwemu Yera yayise, aho abantu b’ivyaha vyose baja kwikomantariza imitima ngo bariko baraja mw’ijuru kandi baratanguye inzira igana mu muriro udashira. Abantu bagiye kuranduka batabizi kubera inyigisho zibaremesha mu kinyoma. Harageze yuko abantu bikangura ikinyoma bacite ikinyoma, icaha bacite icaha.
    Iyindi nyishu y’ukuri ni (B) kuko iyo wakiriye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgawe, amaraso yiwe yarakwuhagiye ivyaha vyose. Igikurikira ni ukugororokera Imana mu mutima, mu ivyiyumviro, mu imvugo, ingendo n’ibikorwa vyawe. Iyo ugororotse urabimenya kandi ugira amahoro atangaje mu mutima wawe. Uba waramenye inzira y’ukuri. Kandi iyo utiriganye naho nyene urabimenya, uca wihuta gusaba imbabazi vuba bgango.
    Umwami Yesu Kristo yamamare!