
IKIZAMINI KIGIRA GATANDATU
Nk’uko vyama bigenda ku kabazo kose utora inyishu imwe y’ukuri.
- “IVYASEZARIMUBIHESEZARIIVY’IMANAMUBIHEIMANA”BISUGURAYUKO: a) Kizira gusaba uruhusha leta yo mw’isi ugomba gushinga ishengero canke kugirisha ibikorane vy’ubutumwa bgiza.
b) Uremerewe gusukiranya ivy’isi n’ivy’Imana kuko Ishengero rikiri kw’isi. c)Abarongozi b’isi bategetse gukora ivyaha ni ukubikora ntakundi kuko ubutegetsi bgose buturuka k’Imana.
d)Wokwubaha amategeko y’abaganza igihugu ukubaha n’ivyagezwe vy’Imana kugira ngo uvuge ubutumwa bubohora bose. - AMACAKUBIRI MU MADINI N’AMASHENGERO AZANWA N’UKO:
a) Ijambo ry’Imana ridatomora neza akarimbi kari hagati y’amadini.
b) Ivyaha bizigurizwa inyigisho zigatandukana, ntibabone ibintu kumwe. c)Abanyabgenge basengera ukwabo, abanyempwemu nabo ukwabo. d)Satani yashinze amadini yiwe arwanya idini ry’Imana. - ICAGEZWE C’IMANA NI UKUVUGA:
a) Ivyagezwe10 gusa vyahaweMose i sinayi mu 1446 Yesu Kristo ataravuka. b) Amabgirizwa 10 hamwe n’amwe 613 yahawe ihanga ry’Abayuda.
c) Ivyagezwe 2 gusa Yesu Kristo yavuze vyo gukunda Imana n’abantu.
d) Ico cose Ijambo ry’Imana ritubgiriza gukora n’ivyo Mpwemu Yera adutegeka gukora vyose. - UMUKOZI W’IMANA W’UKURI WO MW’IHANGA ATEGEREZWA:
a) Kwumvira abavugishwa gusa ntiyumvire uwundi muntu.
b) Gutanga ivyo afise vyose kugira ngo atone ku Mana n’abantu.
c) Kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera kandi akumvira n’uburongozi yahawe. d) Kuba umuntu afise ingabire kandi ayikoresha aronka inyungu yayo. - IBIMENYETSO VYOSE BIREREKANA YUKO:
a) Isezerano ku Burundi rigiye gushika Abarundi batware umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose.
b) Yesu Kristo agiye kugaruka inzamba ivuge kuko ikanguro riza ryaraheze. c) Ishengero ryaramaze kuduzwa hasigaye abazicunguza amaraso yabo. d) Abantu barindiriye yuko Mpwemu Yera ahishura ingene bigiye kugenda.
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APP-MOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181
Yesu Ashimwe.inyishu zikizamini kigira gatandatu
1.d 2.b 3.d 4.c 5.a
J’aimeJ’aime
Urakoze cane
J’aimeJ’aime