





INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA GATANDATU
Turashimiye cane abantu bose bakomeza gukora utu tubazo twahawe kandi benshi bariko barabitora kuko bakomeza gusoma Bibiliya Yera no gusenga Uhoraho Imana basiguza. Ninayo mpavu dukomeje gushimira cane bimwe vyumwihariko abantu mwese mugira akigoro mugakora mukaturungikira ivyo mwashoboye gutora nk’inyishu kuko nakaryo twahawe na MPWEMU YERA ngo twipime urugezo tugejejeko mu gutahura ijambo ry’Imana niyo turiko turerekeza. Umwami Yesu Kristo akomeze kubaja imbere.
- “IVYASEZARIMUBIHESEZARIIVY’IMANAMUBIHEIMANA”BISUGURAYUKO: a) Kizira gusaba uruhusha leta yo mw’isi ugomba gushinga ishengero canke kugirisha ibikorane vy’ubutumwa bgiza.
b) Uremerewe gusukiranya ivy’isi n’ivy’Imana kuko Ishengero rikiri kw’isi. c)Abarongozi b’isi bategetse gukora ivyaha ni ukubikora ntakundi kuko ubutegetsi bgose buturuka k’Imana.
Kuri iki kibazo ca mbere, inyishu yukuri ni (D). Kugira ngo tubahe insiguro itomoye, twisunge amajambo yo mu [Abaroma 13:1-5]. Iyo mirongo yose iratwereka neza ko atakuganza kutava kumana. Mwomenya neza yuko iyi’si ifise amategeko ayigenga kugira abantu tubashe kubana neza tukiyirimwo akanya tutarayivanamwo kuko na Yesu Kristo yarasenze ati: “Data singusaba ngo ubakure mw’iy’isi ariko ng’ubarinde wamubi [Yohana 17:15]. Ariko naho yasenze uko ntibisigura ko amategeko yose asohorwa n’ab’isi ko twoyumvira na cane cane ayadusunikira gukora ibinyuranye n’ubugombe bw’Imana kuko dukwiriye kuzibukira cane. Akarorero itegeko ryemeza kurongorana kw’umugabo kuwundi canke umugore kuwundi (homosexualité) nk’iryo niryo kuzibukira cane kuko rinyuranye n’ubugombe bw’Imana kw’ihanga ryiwe. Mwibuke icatumye Imana irimbura Sodoma na Gomora.
Hariho inyigisho nyinyi zikwiragizwa n’imigwi y’inyererezi bavuga yuko kizira gusaba impusha abaganza ibihugu mu bikorwa vyo gukorera Imana. Abo bantu bigisha umugararizo bavuga yuko Yesu Kristo n’intumwa ziwe batigeze basaba uruhusha mu mirimo yabo. Izo ni inyigisho zituruka kuri satani kuko niwe se w’abagumutsi n’abagarariji. Yesu Kristo ntiyarungitse intumwa ziwe kuja kurwanya ubutegetsi bgabo mw’isi canke kuja kubundabunda kugira ngo bagure ubgami bg’ijuru. Yagize ati gende muhindure amahanga mubigishe ubutumwa bgiza kandi mu babatize. Muri ayo mahanga twatumwe ku baganza n’abaganzwa, twatumwe gukorera mu muco, aho abantu bose bashobora ku twumva bakaza ku gakiza. [Matayo 28:16-20]
d)Wokwubaha amategeko y’abaganza igihugu ukubaha n’ivyagezwe
vy’Imana kugira ngo uvuge ubutumwa bubohora.
Umwami Yesu Kristo yarabivuze avyeruye kugira ngo abo bantu bakurikira inyigisho z’ibinyoma n’ubuzimire ntibazoronke ico bireguza. Yagize ati: “Ni musubize Kayisari ivy’iwe, Imana nayo mubihe ivyayo” Bibiliya itubgira iti abantu baciye bamutangarira. Abantu kubera uburiganya, ukugerageza no kwigenza ku bantu b’Imana, bamubajije yuko abizera bakwiriye kwemera amategeko y’abaganza mu gutanga ama tagisi n’izindi ngingo zifatwa n’amaleta. Yesu utanka yababariye ati nzanira icasha canke igiceri. Barakimuzanira aca ababaza ati mubona hariko ifoto yande? Baramwishura. Nawe ati ni ukuja muramusubiza ivyiwe. [Mariko 12:14-17] Yemwe ba-Kristo aho muri hose, mwirinde inyigisho z’abo bantu batazi ukuri kw’ijambo ry’Imana bavuga ngo uwukorera Imana mukuri ntiyubaha amategeko ya leta agenga abakozi b’Imana. Ntawushobora kujana umuvyuro n’ikanguro mu gihugu no mu mahanga agenda arabundabunda. Ntawushobora gukoresha ibikorane vy’amasinzi y’abantu aho abaganza ibihugu n’abanyagihugu baza kwihana bakira Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo, atari ibikorwa vyo ku mugaragaro. Twahawe ububasha bgo bgo gukandagira inzoka na scoropiyo harimwo n’izo nyigisho z’ibinyoma. [Luka 10:19]. - AMACAKUBIRI MU MADINI N’AMASHENGERO AZANWA N’UKO:
a) Ijambo ry’Imana ridatomora neza akarimbi kari hagati y’amadini.
b) Ivyaha bizigurizwa inyigisho zigatandukana, ntibabone ibintu kumwe.
c)Abanyabgenge basengera ukwabo, abanyempwemu nabo ukwabo. d)Satani yashinze amadini yiwe arwanya idini ry’Imana.
Inyishu yukuri ni (B) kuko n’Intumwa Pawulo yaravyandikiye muri [2Timoteyo 4:3- 4]. Iyo mu murimo abantu batanguye kutabona ibintu kumwe niho haca haba kwirema ibice kandi abavuye mu bandi bakaja gutanguza ikindi gikorwa ahandi nibo baca bagenda bavuga nabi abambere hanyuma amacakubiri agaca ahera ngaho. Satani arazi yuko urukundo n’ubumwe mu bantu bituma ataronka aho amenera. Kugira ngo asambure urwo ruzitiro akoresha ikinyoma, ukwosha nabi abantu no kwinubana. Ivyo nivyo yamye akora kuva kera Uhoraho Imana agihagurutsa ihanga yitoranirije. Turashobora no gukurikirana inkuru ya Kora, Datani na Abiramu mu [Guharura 16-38], n’inkuru ya Aroni na Miriyamu [Guharura 12:1-15], ukuntu abo bose bagenda bavuga nabi Mose uwo Imana yatoranije mu kwanka ivyo ababwira vyavuye ku Mana.
N’uyu munsi satani aracakora kumwe kwa kera mbere agashiramwo uwundi mu kenyuro wo kuzana ingurukizi mu mirimo y’Imana, abiyita amazina yivyubahiro, abazana inyigisho zitari ukuri kwuzuye. Ivyo bigatuma abizera bahungabana hagaca haba amadini n’amashengero menshi cane mu gihugu. Ikindi kintu gituma habaho amashengero menshi nko mugihugu cacu havurwa yuko
ayemerewe gukora ku mugaragaro arenga 800, n’uko abantu basanze atakindi bashoboye bokora bagakuramwo ubutunzi atari mu gucuruza ijambo ry’Imana. Ubu basigaye bakora ibintu vy’ivugabutumwa nk’uko bakora ubucuruzi. Ishengero risigaye rimeze nk’imangazini. Urudandazwa rw’isoni mu gihugu cacu. - ICAGEZWE C’IMANA NI UKUVUGA:
a) Ivyagezwe10 gusa vyahaweMose i sinayi mu 1446 Yesu Kristo ataravuka. b) Amabgirizwa 10 hamwe n’amwe 613 yahawe ihanga ry’Abayuda.
c) Ivyagezwe 2 gusa Yesu Kristo yavuze vyo gukunda Imana n’abantu.
Inyishu y’ukuri ni (D) kuko amajambo yose ari muri Bibiliya yahumetswe n’Imana. Turashobora kwinsunga iyi mirongo yo muri Bibiliya [Matayo 7:24-27; Ivyahishuriwe Yohana 1:3; 22:18-19]. Haratwereka neza ko iyo utumviye ico ijambo ry’Imana rivuga ko hari ivyago bitegekanijwe kuriwe kandi n’uwuryumviye harumugisha utegekanijwe kuriwe. Twongeyeko iri ryo mu [Abaroma 8:14-16; Yohana 16:13] turabona ko umuntu arongowe na Mpwemu Yera akora ibinezereza Imana bigatuma haba ubusabane bwiza n’ijuru.
Nkuko twabibonye, ivyagezwe 10 ni vyiza kandi bitanga umunezero ku mu-Kristo mu kubaho kwiwe kwose mu mwanya akiri hano kw’isi, kandi nkuko n’Umwami wacu Yesu Kristo yabivuze nta cagezwe nakimwe kiza gisumba gukunda Imana n’umutuma wawe wose, n’ubgenge bgawe bgose ukongera ugakunda mugenzi wawe nk’uko wikunda. [Matayo 22:34-40] Ivyagezwe vyose, amajambo yose yo muri Bibiliya akoranirijwe muri ayo mabgirizwa Yesu Kristo yaduhaye. Ivyo biratandukanye n’ivyagezwe vy’imigenzo n’amategeko yo kugenderako abayuda bahawe mu gihe n’ikibanza bari bagezemwo ariyo mabgirizwa ashika ku 613. Na twebge mugihe cacu nkubu hateye ikiza, Imana iratubgira ingendo umwe wese akwiriye kugira mu gihe gikwiriye. Dufate akarorero, Uhoraho yarabujije abavyeyi ba Samusoni kugeza urwembe ku mutwe wiwe ngo bamumwe umushatsi kuko yari umunaziri [Abacamanza 13:5]. Ico cari icagezwe yahawe ku giti ciwe kandi umunsi yakirenze akamenera ibanga Delila bakamumwa yari akoze icaha kandi caramuhitanye[Abacamanza 16:15-17]. Abantu bose ntibahawe ico cagezwe co kutimwesha nk’uko habayeho isezerano ryo gukebga ku bahungu ba Aburahamu. Abantu barakwiriye gutahura ivyagezwe vy’amaho n’ivyagezwe vy’ibihe vyavyo aho Uhoraho abgira umuntu gukora canke kudakora ikintu kubera umugambi amufiseko.
Burya Mpwemu Yera akubariye ati ntukore iki, ukakirengako ukagikora, uba ucumuye kuko uba renze ku cagezwe. Akubgiye ati ja ahanaka ukore iki,
d) Ico cose Ijambo ry’Imana ritubgiriza gukora n’ivyo Mpwemu Yera
adutegeka gukora vyose.
akarorero usemerere abantu bihane canke usengere abantu, utabikoze witwanje imvo zawe, uba ucumuye kuko ijambo ryose Uhoraho ategeka umuntu ryaba iryanditswe muri Bibiliya canke iryo Mpwemu ahishuye, riba ari icagezwe c’Imana. - UMUKOZI W’IMANA W’UKURI WO MW’IHANGA ATEGEREZWA:
a) Kwumvira abavugishwa gusa ntiyumvire uwundi muntu.
b) Gutanga ivyo afise vyose kugira ngo atone ku Mana n’abantu.
c) Kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera kandi akumvira n’uburongozi yahawe. d) Kuba umuntu afise ingabire kandi ayikoresha aronka inyungu yayo.
Inyishu y’ukuri ni (C) kuko umuntu wese iyo yumviye Mpwemu Yera agira ikiganza ciza imbere y’Imana. Nkuko twabonye mu [Abaroma 8:14; Yohana 16:13] turabona neza ko ari ivyingira kamaro kwumvira Mpwemu w’Imana. Iyo utamwumviye rero aratinda akakuvako kuko Imana yaravuze mu [Itanguriro 6:3] ko atazokwama aranyinyurana n’umuntu kuko ari uwinyama n’amaraso. Ni ukuvuga yuko utumviye Mpwemu Yera ukora ibinyuranye nivyo Imana igomba. Na Dawidi muri [Zaburi 51:11] yisabira Imana ngo ntimukureko Mpwemu wayo Yera kuko yari yaratahuye ko aruwikimazi kuriwe. N’iko rero Imana dusenga ni Imana y’urutonde, Imana y’uburongozi kandi abari mu murimo wayo bose bagenda barongorwa na Mpwemu Yera.
Hariho ivyumba vy’amasengesho, amashengero n’ubundi burongozi bg’abakorera Imana bgagiye burasambuka abakozi b’Imana bagacika abansi. Ubu amashengero menshi yarirukanye, mbere no gutoteza abavugishwa n’Imana bikabamwo kuko bamwe bavugishwa ibi abandi bakavugishwa biriya. Ivyo vyose bikarengera abarongozi. Ivyo nkuko twabivuze mbere nivyo vyashitse no mugihe ca Mose aho bagira ngo iyo Mana yoyo ivugana na wewe gusa ni nyabaki? Imana yaciye yereka abantu yuko kizira kugarariza abarongozi yashizeho kuko bingana no kugarariza Uhoraho nyene. - IBIMENYETSO VYOSE BIREREKANA YUKO:
b) Yesu Kristo agiye kugaruka inzamba ivuge kuko ikanguro riza ryaraheze. c) Ishengero ryaramaze kuduzwa hasigaye abazicunguza amaraso yabo. d) Abantu barindiriye yuko Mpwemu Yera ahishura ingene bigiye kugenda.
Aka kabazo gashobora gutuma abantu benshi bakaganirako cane kuko mu nyigisho zikwiragizwa hirya no hino abavugabutumwa bigisha yuko ibimenyetso vyose bigaragaza ukugarukwa kwa Yesu Kristo vyamaze gushika. Nkako uravye
a) Isezerano ku Burundi rigiye gushika Abarundi batware umuvyuro
n’ikanguro kw’isi yose.
uko Bibiliya itubgira ibizoranga ukugaruka kwa Yesu Kristo, ukongera ukumviriza ivyo Mpwemu w’Imana atuma abantu gusemerera hirya no hino, biraboneka yuko iy’isi dutuyeko iri ku musozo. Mugabo umuntu wese arashobora kwibaza ati none ko dutegerezwa kwama twiteguye kandi Yesu Kristo akaba azogaruka nk’igisuma, ni ukuvuga igihe ata muntu n’umwe azi, aho ni ryari? N’uwundi arashobora kwibaza ati none ko ijambo ry’Imana ritubgira yuko twokwama twiteguye kubera yuko Yesu Kristo agiye kugaruka mwebge muracashiraho ikindi kiringo c’Abarundi bazobanza gutwara umuvyuro n’ikanguro?
Ubishize mu bgenge bg’Umuntu kandi ugasoma muri Bibiliya nta hantu handitse igihugu c’Uburundi. Usanga biragoye y’uko umuntu ahitamwo iyo nyishu ya mbere ivuga yuko Abarundi bazobanza gutwara umuvyuro n’ikanguro. Ariko naho biri uko, inyishu y’ukuri kuri ico kibazo ni (A) nkuko [Umumusiguzi 12:13-14] habivuga ngo vyose vyarumviswe, vyarerekanywe,vyarabonywe n’umuntu wese yakomeje kuba maso kuko ntaco Imana itahaye abana bayo yamaze gutoranya nk’abakozi bayo muri ico gihe c’ikanguro. Ntaco Uhoraho akora atabanje gutanga ibimenyetso n’urutonde. [Amosi 3:7]
Ivyo tuvuga ku gihugu c’Uburundi si ivyo twigenera kandi si ivyo kuvuguruza ivyanditswe muri Bibiliya. Imana yarasezeranye yuko izokwihagurukiriza ihanga ryo muri Afrika mu Burundi rizokora ico igikorwa nkuko umuhanuzi Yesaya yabihishuye. Ubuhanuzi bg’Uburundi buri muri Bibiliya Yera. Ugusesangura ivyandizwe muri Bibiliya bisasiriwe n’uguhishurigwa, birerekana neza yuko vyahanuwe kera ko Ihanga Ryera ry’Imana ryo mu minsi y’Iherezo rizova muri Afrika. Ukurikije n’ubuhanuzi twagiye turaronka yuko imbibe z’igihugu c’Uburundi zizaguka ki kaba kinini, ukaraba n’ingene ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ry’ubatswe, wotahuzwa vyinshi gusumvya. Iki hariho vyinshi nUhoraho Imana yaduhishuriye tukihize ibanga. Ni ukwiga imvugo y’abahanuzi y’ibitarabaho. Akarorero kera cane hatarabaho ubgato nk’ubgo tubona ubu, uwerekwa yabona ibitebo bireremba kumazi bitwaye abantu. Akandi karorero, indege zitarabaho, yerekwa abona inzige canke ibihori biguruka bitwaye abantu munda zavyo bibakura mu gihugu kimwe bibajana mu kindi. Ni ugutahura imvugo y’Imana rero.
Wize amajambo Umuhanuzi Yesaya umuhungu wa Amosi, yaba i Yerusalemu afise abana 2 b’abahungu Shear-Jashub na Mahe-Shalal-Hash-Baz yanditse mu gitabo kiri muri Bibiliya Yera cuzuyemwo imvugo ndyoheramatwi n’ubuhanuzi bwinshi, usangamwo ivyo tubayeho muri iki gihe biteye igomwe. Bumwe muri ubgo buhanuzi bgari ubgo mugihe ca hagufi mugabo ubundi bgari ubgo mu gihe ca kazoza ka kure. Ni ukuvuga muri ibi bihe turimwo. Tora Bibiliya yawe urabe ivyanditse kuri Afrika n’Uburundi muri [YESAYA 19:18-25.]
Mu mwaka wa 700 imbere yuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo avuka, Umuhanuzi Yesaya yavugishijwe ati: -(18) “Kuri uwo musi mu gihugu ca Egiputa hazobamwo ibisagara bitanu bivuga urunyakanani, birahira Uhoraho Nyen’ingabo; kimwe mur’ivyo kizokwitwa kiri-haheresi.” [Ahanditse Egyputa ni ukumenya yuko yaba avuze Afrika, ahanditse igisagara yaba avuze igihugu ca Afrika.] -(19) “Kur’uwo musi hazoba igicaniro c’ubakiwe Uhoraho mu gihugu ca Egiputa hagati, kandi inkingi izoshingigwa Uhoraho ku rubibe rwaco.” [Yanditse hagati muri Egyputa canke Afrika yaba avuze Uburundi ariwo mutoma wa Afrika yuko hazoba igicaniro c’Uhoraho n’inkingi izoshingwa.] -(20) “Bizoba ikimenyetso n’igishingantahe c’Uhoraho mu gihugu ca Egiputa (Afrika): kuko bazotakambira Uhoraho kubwo ababahahaza, nawe azobarungikira umukiza n’umuvunyi nawe azobakiza.” [Amaze gutomora yuko ari igihugu co hagati, wa mutima wa Afrika UBURUNDI] -(21) “Kandi Uhoraho azokwimenyesha muri Egiputa, n’abanyegiputa bazomenya Uhoraho kuri uyo munsi: mbere bazosenga batanga ibimazi bashikana amashikanwa, bazosezeranira Uhoraho isezerano”. [Aha ariko aravuga isezerano ry’umuvyuro Ikanguro] -(22) “Kandi Uhoraho azokubita Egiputa,ahakubiteyongereahakize: bazogarukak’Uhorahonawe azobakundira ku mwinginga kand’azobakiza.” [Iyi ni imburi y’igihugusi c’inkota y’Imana abantu bose bamaze iminsi bumva kandi uwufise amaso y’impwemu arashobora kubona yuko yururutse uyu munsi] -(23) “Kur’uwo munsi hazoba inzira y’iroro iva muri Egiputa ija ashuri, kandi aba ashuri bazogendera Egiputa, n’Abanyegiputa bagendere Ashuri, kandi abanyegiputa n’Abashuri bazosengera hamwe. ” Uyu murongo urerekana ingene iryo hanga ryi Burundi muri Afrika rizotwara umuvyuro n’ikanguro mu ba Ashuri ni abo muri aziya bagizwe n’abarabu, abahindi, abashinwa n’ayandi mahanga “Kur’uwo munsi i Bgisirayeli hazoba aha gatatu kuri Egiputa na Ashuri, ar’umugisha hagati mw’isi ” asigura yuko Abarundi ari abambere mw’isezerano, ayandi mahanga ayakabiri na Isirayeli bakaba abagatatu. “kuk’Uhoraho Nyen’ingabo ahaye umugisha, ati hahigwe abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikogwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje. » [Abarundi twiswe Ihanga ry’Imana twahawe n’imigisha n’imihezagiro, ayandi mahanga acitse igikorwa c’amaboko y’Imana kubera ubutumwa bg’ikanguro; hanyuma Abisirayeli nabo bagumye ari ishamvu canke inyegu y’Imana] [Yesaya 19:18-25] Ufashe ubu buhanuzi ukabutwara imbere y’Imana ugaruka udafise ugukekeranya canke amakenga kuko Mpwemu w’Imana aca abuguhishurira neza nk’uku tubibahaye. Nkuko biri ku murongo wa 25, Uhoraho Imana yaduhaye umugisha atwita abantu biwe. Abarundi turi IHANGA RYERA kubgo gutoranywa n’UWERA, turi UMUGENI canke ISHENGERO rya YESU KRISTO kubgo umugambi w’Imana wo mu gihe c’iherezo.
Umwami Yesu Kristo yamamare!