
AMASENGESHO AFATANIJE NO KWISONZESHA. [ Matayo 6:5-6, Yohana 4:24, Mariko 9:29, Yoweli 2:12]
Mu bihe nk’ibi aho abiyita abakozi b’Imana bayihemukira bagahemukira n’abizera, bakabesha, bakiba, bakica, bakigisha inyigisho z’ibinyoma n’umuburyarya. Ni ukwisonzesha nugusenga kugira ngo Uhoraho yiyerekane.
Mu gihe nk’iki aho ibiza bibica igacika , imyuzure, inzara n’ubukene bigisibije; inzira y’ukunesha ni ugufata umwanya wo gusenga wisonzesheje usaba Uhoraho Imana ngo agutambutse ibihe bigoye.
Mu bihe nk’ibi aho umuntu atazi ico akwiriye gukora, iyo akwiriye kuja. Nivyo bihe vyo kwegera Uhoraho Imana mu gusenga n’ukwisonzesha.
Mu bihe utaba uzi neza ikikurindiriye, mu gihe wewe uba urindiriye ugushitswa kw’isezerano ryawe ; nivyo bihe vyiza vyo kwegera Uhoraho Imana mu kwisonzesha no gusenga.
Mu bihe nk’ibi twese tuba tubona ibihe tutazi neza uko bimeze, tukaba tubona impfu nyinshi hirya no hino, tukongera tukabona ibimenyetso vy’ibihe kandi hakaba hariho ba ntaconezwe, ni ibihe vyo kwisonzesha no gusenga kugira ngo twegere Uhoraho Imana.
Umwe wese ni afate umwanya wo kwisonzesha no gusenga ku giti ciwe. Duga duga ku misozi miremire gusengerayo. Ja haruguru mu cumba c’amasengesho, ja mu bgigobeko bg’urusengero wihererane n’Uhoraho Imana. Uzotabarwa n’abawe.
Umwami Yesu Kristo yamamare!
Murakoze ku nyigisho nziza ziduhamagarira kuba maso mugusenga no kwisonzesha. Uhoraho abakomeze. Amen
J’aimeJ’aime
Amen
J’aimeJ’aime