Ugomba ubufasha bgo kw’ihana, kwatura n’ukwezwa, vugana n’umukozi w’Imana kuri imwe mu nomero

IMBERE YO GUSENGA IMANA BANZA WIHANE KANDI WATURE IVYAHA VYAWE.

Amasengesho y’umunyavyaha ni urwamo, uruyogoyogo mu gutwi kw’Uhoraho Imana. Ni igisesema. Uramaze kwumva umubu uriko urakuririmbira mu gutwi? Warabikunze! Waciye ukora iki? Wumvise wowirukana, kandi warabikoze. Niko amasengesho y’umunyavyaha yanse kwihana no kwatura ivyaha vyiwe ameze mu gutwi kw’Imana. Kirazira kwinjira muri aya masengesho yo kwisonzesha y’iminsi itatu azotangura ejo kw’igenekerezo rya 3 arangire kurya 5 z’uku kwezi dutanguye, utabanje kwiyeza.
Hariho umuvugabutumwa wo kuri izi mbuga ngurukanabumenyi yavuze ngo umuntu yihana kangahe, ampa n’imitongo ya Bibiliya yayikuye mu gitereko cayo. Ubuzimire buri kwinshi. Umuntu yihana iminsi yose iyo yakoze icaha. Hari n’abandi batinya kwihana no kwatura ivyaha kubera abitwa abakozi b’Imana b’iki gihe benshi ari ibimenabanga baca babararaza.
Ihanga Ryera ry’Imana riri hejuru y’amadini n’amashengero, rirafise n’abakozi b’Imana basengewe, b’ibanga kandi Uhoraho Imana yabikije vyinshi. Ico umubariye kiguma hagati yawe n’Imana. Tumaze imyaka irenga itandatu bakora uwo murimo w’iteka n’ibanga abantu benshi bakabohoka, bakaruhuka abandi bakabatizwa kandi bakaramiriza mu rugendo ruja mw’ijuru.
Twabateguriye urutonde rw’inomero z’abakozi b’abizigirwa mushobora kurondera maze mugatunganya n’Imana imbere yuko mw’injira mu masengesho. Ihane, witunganye wezwe kugira ngo winjire mu ngoro y’Imana muri aya masengesho tugira dutangure. Tora inomero ushaka kuri ico gicapo bagufashe imbere yuko dutangura amasengesho.
Umwami Yesu Kristo yamamare!

2 commentaires sur “Ugomba ubufasha bgo kw’ihana, kwatura n’ukwezwa, vugana n’umukozi w’Imana kuri imwe mu nomero

Les commentaires sont fermés.