
Hariho abantu bumva ivyo ijuru ritangaza bakivugira ngo ivyo niko vyamye na cane cane abanyamadini. Abadashira umutima ku kumenya yuko Uhoraho Imana dusenga yumva, yishura kandi akora nabo bivugira ngo ubgo ni ubusazi canke indoto z’abakizwa. Abo twahorana mu mirimo hanyuma tukabasezerera kubera ubugaba bgabo nabo bagenda barabundabunda babgira inzego z’igihugu mu butegetsi, mu butungane no mu nzego z’umutekano ngo ubuhanuzi n’ivyiyumviro vy’abarwanya leta. Abo bose twagura tubabarire yuko guhakana canke kwirengagiza ico Imana yavuze ata muti uba utoye kuko uhakanye canke wirengagije ntaco bihindura ku mugambi w’Imana. Abo nabo bagenda baratunga urutoke imburi n’ubuhanuzi ngo ni ukurwanya leta y’uburundi, ntibariko baragwanya Ihanga Ryera ry’Imana bariko baranigana n’Imana kandi nayo ni ingwanyi izobatsinda aho batari biteze. Umwami Yesu Yamamare !