



IHANGA RYERA RY’IMANA
IKIZAMINI KIGIRA UMUNANI
Nkuko twatanguye tubigenza kuva ku kizamini ca mbere, akabazo kose kaba kariko inyishu zine mugabo imwe gusa niyo y’ukuri. Naho wobona umengo inyishu zirenga imwe zishobora kuba zo, iyo ukuri ni imwe gusa wisunze ico ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya canke iryahishuwe na Mpwemu Yera.
- YESU KRISTO YAGIYE MURI YORODANI KUBATIZWA NA:
a) Yohana Umubatiza kuko yari muvyarawe.
b) Yohana Umubatiza kuko yabatiriza mu mazi meza.
c) Yohana Umubatiza kuko yibera mu bugaragwa agatungwa n’ubuki. d) Yohana Umubatiza kugira ngo ashitse ukugororoka kw’Imana kwose.
Umubatizo wo mu mazi menshi ni igikorwa uwizera wese ategerezwa gukora kugira ngo ashobore kwereka Imana yo mwijuru, kwereka abantu bose no kubarira umuntu ari muri we nyene y’uko ya maramaje kuba umwana w’Imana. Petero yuzuye Mpwemu Yera yishuye abantu bari ngaho ati ni mwihane umuntu wese abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo kugira ngo muharirwe ivyaha vyanyu kandi muhabge Ingabire ya Mpwemu Yera. [Ivyakozwe n’intumwa 2:38] Yesu Kristo nawe mu kutwereka akarorero yaramanutse aja ku ruzi Yorodani kugira ngo abatizwe. Yohana Umubatiza amubonye yaratangaye cane ati Mwami wanje, uje ngo nawe ndakubatize yamara kandi ari wewe wombatije! Ati oya si nokwubahuka kukubatiza. Yesu Kristo yamwishuye ati bikunde Yohana umbatize kugira ngo dushitse ukugororoka kwose. [Matayo 3:15] Iryo jambo rya Yesu Kristo ritwereka yuko inyishu y’ukuri kuri ako kabazo ari D. Abatari bake baragitoye. - SAMUSONI YARONGOYE UMUFIRISITIYA KAZI DELILA:
a) Kuko atabakobga beza bari mu b’Isirayelikazi
b) Kuko Delila yari icitso catumwe n’Abafilisitiya abansi b’Abisirayeri c) Kuko wari umugambi w’Imana wo kwerekana ubushobozi bgayo. d) Kuko abavyeyi biwe n’abagenzi bamuhanuye ku murongora.
Duhereye ku kuvuka kwiwe, turabona yuko Samusoni yari uwatoranijwe, Umunaziri. Ni naco gituma abavyeyi biwe bari barabujijwe ku mumwa umushatsi kandi nkuko Bibiliya ibitubarira yarafise inkomezi zitangaje ziruta izo abantu bose bigeze kubaho. Izo nkomezi zava k’Uhoraho Imana mugabo zari zugariye muri nya mushatsi wiwe. Abavyeyi biwe bari bankiye Samusoni yuko aja kwabira mu bgoko bg’abafilisitiya kuko bgari busanzwe buhahaza Ihanga rya Isirayeli, kandi nti batahura ingene arengana abakobga beza bari mw’ihangaryiweakajakuronderaumugenimubansibabo.ArikoBibiliyairatubgiraneza yuko wari umugambi w’Uhoraho Imana kuko yarondera inyanduruko ku bafirisitiya. [Abacamanza 14:IHANGA RYERA RY’IMANA
Inyishu y’ukuri ni C kuko Imana yagomba kwiyerekana ibicishije ku nkomezi yahaye Samusoni abanje kugambanirwa n’uyo mu filisitiyakazi. Kandi niko vyagenze. - ANANIYA NA SAFIRA BISHWE N’INKOTA Y’IMANA
a) Kuko baciye kubiri n’amategeko y’umuganzabami wi Roma.
b) Kuko bacumuye ku cagezwe Mpwemu Yera yari yatanze.
c) Kuko kwiba no kubesha ari ivyaha vyanditswe mu vyagezwe icumi.
d) Kuko bari bubatse bidaciye mu mategeko.
Inkuru ya Ananiya n’umutambukanyi wiwe safira tuyisanga mu gitabo c’Ivyakozwe n’intumwa. Ni no muri iki gitabo nyene dusanga ubumwe butegerezwa kuranga aba- Kristo nkuko bgaranze aba-Kristo ba mbere. Mpwemu Yera amaze kwururuka bakuzuzwa,turabonaibintuyabashizwemwobikababeraicagezwe.Abizeyebaribenshi cane kandi bahuje umutima n’inama, nta numwe yakimbukira ikintu cose atunze ngo ni iciwe kuko vyase barabisangira. Ntamukene yari muri bo kuko n’abari bafise amatongo barayagurisha bakazanira ayo bagurishije intumwa kugira ngo zibigabanganye mu bantu. Intumwa zari zarahawe ububasha bginshi ku bizera n’ivyo batunze. [Ivyakozwe n’intumwa 4:32-37]
Ananiya na Safira naho bari mu murwi w’abizera, bari bafise akarenge hanze katumye igihe bagurishije itongo batatwaye ayo bagurishije yose. Erega n’uyu munsi aba-Kristo benshi bafise iyo ngeso yanduye yo gutambikiza muvy’Imana no muvy’isi. Abitwa abakozi b’Imana canke abitwa abizera usanga ataho bataniye n’abapagani mu vyiyumviro vyabo, mu mvugo, imigenzo no mu gukora ivyaha. Ni nako rero na Ananiya na Safira bahenzwe na Satani bapfundika ikinyoma kugira ngo baje guhenda intumwa. Intumwa za Yesu Kristo zibabonye gusa zaciye zimenya yuko babeshe maze zagiriza uyo mugore n’uyo mugabo gukora icaha co kurondera kubesha no kugerageza Mpwemu Yera ari navyo vyabaviriyemwo urupfu. [Ivyakozwe n’intumwa 5:3 na 5:9]
Inyishu y’ukuri rero ni (B) kuko bacumuye ku cagezwe ca Mpwemu w’Imana. Aka kabazo karatwigisha neza yuko ivyagezwe vv’Imana atari ya mabgirizwa icumi gusa Mose yahererwa n’Imana ku musozi Sinayi, mugabo yuko icagezwe ari itegeko, ibgirizwa n’ijambo ryose ryaba iryanditse, irivuzwe canke irihishuwe rivuye k’Uhoraho Imana. Umuntuweseavuzeivyagezweakwiriyegutomoranezakukoabavyeyibasamusonibari barahawe icagezwe co kutamwa umwana wabo. Manowa se wiwe yari yakizaniwe n’Umumarayika w’Imana. Na Yohana Umubatiza kwo kwuko, abavyeyi biwe bari barahawe icahezwe yuko umwana wabo atazokoza ikiboreza mu kanwa kuko azokwuzuzwa Mpwemu Yera ahereye akiva mu nda ya nyina. Umuherezi Zakariya yaravyubahirije. N’uko rero mwame mwubahiriza ikintu cose Mpwemu Yera abatumye gukora.
IHANGA RYERA RY’IMANA - NI TWASHIKA MU BURUNDI BG’ISEZERANO
a) Tuzorongorwa n’ivyagezwe icumi Mose yaherewe ku musozi sinayi.
b) Tuzokwicara turuhuke kuko tuzoba turangije urugendo.
c) Tuzoba dutanguye urugendo ruhambaye rwo kurondera iminyago dutwara mw’juru. d) Tuzoca dutangura guhigana n’ibishusho biri mu gihugu.
Uyu munsi Imana ibicishije mu buhanuzi butandukanye, Abarundi nka bose baramaze kumenya yuko igihugu c’Uburundi gifise isezerano rituruka k’Uhoraho Imana kandi yuko iryo sezerano rigizwe n’ivyiza vyinshi rigiye gushitswa. Icumi muri ivyo vyiza muramaze ku bimenyeshwa. Hariho abaryumvise baryamirira kure bakibaza ngo ni akadashoboka. Hariho n’abandi baryumvise bararinezerererwa kandi uyu munsi bakaba barivuganga. Bamwe bararivugavuga kuko bibaza yuko Uhoraho Imana ije guhana abansi babo canke yuko ije kubahorera. Ico ni ikinyoma ca satani. Hariho n’abandi barinezerererwa kuko baribonamwo ubutunzi n’iterambere kuribo, ubutware n’ubutegetsi bgabo mbere n’iyo barivuga akaba atakindi bavuga atari ukwishira hejuru. Abo bose bari mu kutamenya. Satani arakorera cane ku kintu ciswe amasezerano ni ukuhagabira.
Uhoraho Imana atoranije Ihanga ntaba agomba yuko abarigize barya bakaryama gusa. Ihi bambewe. Baba bafise ibikorwa bihambaye yabatoranirije kandi yabashinze bategerezwa kurangura. Ivyo bikorwa batabiranguye, irabashwiragiza, ikabasiribanga mbere ikanabarandura. Umurongozi yashize imbere mw’Ihanga adakoze ikintu cose abanje gusigiza Uhoraho Imana, iramufyefyenura, ntagukina. Aha rero Ihanga ry’Abarundi ryomenya yuko batatoranijwe kugira ngo bicare baganze, batunge batunganirwe maze babondogotwe. Abazoshika mu gihugu c’Isezerano bategerezwa kumenya ico bajejwe n’ico bashiriweho gukora kandi ico cagezwe kikubahirizwa.
Ihanga ry’Abayuda ariryo isirayeli ryari inkengerwa mu yandi mahanga, Uhoraho Imana yaritoranije irarirwiza, irayagura kandi irishira hejuru kugira ngo rizigame ivyagezwe vy’Imana kandi rivyigishe n’ayandi mahanga mu kwerekana ukugororoka kwayo. Igihe cose banyerera bakava kuri iyo ntumbero y’Imana mu kutubahiriza ivyagezwe canke mu gusaba imana z’abanyamahanga, barakubitwa bakagoka, bakicwa bakandagra, bagatwarwa inyagano mu yandi mahanga bagakoreswa ibikorwa vy’impahazwa. [2 Abami 17]
Hanga Ryera ry’Imana ry’Abarundi, namwe mwaratoranijwe uyu munsi. Si ukugira ngo muzigame kandi mwigishe ayandi mahanga ivyagezwe kuko uwo wari umuhamagaro w’A bayuda. Umuntu canke umurwi ubigisha ivyo uba uriko urabazimiza ngo ubakwegere kuranduka. Mwebge mwahamagariwe gukwiza ubutumwa bgiza bg’umuvyuro n’ikanguro mu gihugu cose no mu mhanga mu bihugu vyose vyo kw’isi kugira ngo mutegure umugeni wa Yesu Kristo kuko isi igiye kurangira. Ukwo nikwo kwamamaza ishimwe ry’Uhoraho. [1 Petero 2:9] Uwo niwo muhamagaro wanyu. Mukisuka mu muhamagaro atari uwanyu, ni kuvuga uw’aba-Yuda cake uw’aba- ishimayeli, abambere bagendera ku mabgirizwa ya Mose abakabiri nabo kagendera ku
vyagezwe vya Shariya. Mukavyisukamwo ntakabuza yuko Uhoraho Imana itabasiribanga. Nico kimwe naho mwoshika mwinywera amata n’ubuki mukisinzirira. Nico gituma inyishu y’ukuri ari C: Tuzoba dutanguye urugendo ruhambaye rwo kurondera iminyago dutwara mw’juru. Tuzoba turonse uburyo bgo gutegura umugeni wa Kristo Yesu twamamaza isi yose agakiza katanzwe ngo abantu bihane, batunganywe kandi bezwe twese twitegurire ukugaruka kwiwe. Be murimenyereza kuzana benshi kuri Kristo Yesu n’uyu munsi mu kurindira kuko uwo niwo muhamagaro wacu. Amen. - MURI CA GICIGU CANYUMA ABISIRAYELI:
a) Bagiye batwaye ivy’iwabo n’ivyo Abanyegiputa.
b) Bagiye imbokoboko kuko bari kumwe n’Uhoraho Imana.
c) Bagiye ataco batwaye kuko bagiye bacitse mu ivyara vya Farawo. d) Bafashe inzira idashika kuko Mose yari yabahenze.
Abana ba Isirayeli igihe bava muri Egiputa hakorekeye ibintu vyinshi kuko yari Uhoraho Imana yisidukiye. Mwokwibuka yuko Mose yavutse akanyegezwa mu rufunzo maze umukobga wa Farawo akamwitorera mugabo akamushira nyina amuvyara kugira ngo abe ariwe amwonsa. Aho rero nyina wiwe yararonse akaryo ko ku mumenyesha yuko atari umunyegiputa ari umunya Isirayeli imbere yuko ajanwa kurererwa ibgami. Umugambi w’Imana usanga urimwo urutonde ruhambaye. Mose nk’umwana w’umurerano w’umukobwa w’umuganzabami, yakuriye mu gihugu cari giteye imbere kw’isi yose mu bumenyi, ubuhinga, ubuvuzi, ivyagisirikare n’ibindi vyinshi vy’amabanga, yarize ubumenyi n’ubuhinga bgose mu gisirikare, ubuganga n’intwaro vyari bigezweho muri kirya gihe. Imana yariko iramutegurira kuzorongora ihanga ryayo.
Ariko nkuko wari umugambi w’Imana yagiye kuva ku kirimba ajanwa kw’igishirizwa n’Imana mu buhungiro, ajanwa kwigishwa kurongora ubgoko bg’Imana yigishirizwa ku bitungwa. Yavuye inyuma y’inyamaswa mu bugaragwa ahoy amaze imyaka 40 aza gutora Ihanga rya Isirayeli kugira ngo arijane i Kanani, kuko amashure y’Imana yari arangiye. Ni muri ico gihe Imana yiyerekana mub’Isirayeli mu buryo bgishi bg’ibitangaza harimwo gutuma abanyegiputa babaha ifeza n’izahaba bagenda batwaye. [Kuvayo 12;35-36]
Inyishu y’ukuri ni A yuko bagiye batwaye ivyabo nivyo abanyegiputa muri ca gicugu basohoka Egiputa. Aka kabazo kagomvye gusa n’akananira abantu mugabo umuntu yarakwiriye gusoma inkuru yerekeye ukugenda kwabo agaca atahura. Turiko turegereza ku musozo w’utu tubazo. Dusabe abatanguye gutanga iyishu ntibadebukirwe. Mukomeze gusoma ijambo ry’Imana n’ugukurikirana inyigisho z’ukuri kwose.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!