
Umunsi wose ufise izina ryawo mu Kirundi. Mu ndimi zose nta munsi canke ukwezi vyitirirwa igiharuro. Indimi zo hanze zahaye amazina y’iminsi baurikije iminsi abapagani basengerako ibimana nyenyeri vyabo. Natwe abemera Uhoraho Imana tuyitirira ivyaremwe n’Imana kuri uwo munsi nk’uko Bibiliya Yera ibitwigisha.