Abakwiragiza inyigisho z’ibinyoma mw’ijambo ry’Imana bionigoje.

MWIRINDE INYIGISHO Z’IVYIGENZE N’INYEREREZI.
“Ariko bene Data, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahura n’ivyo mwize, mubazibukire. Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bohesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza. Igitumye mbabgira ivyo, n’uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose: ni co gitumye mbanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabgenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi. Imana Nyen’ amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe. “[Abaroma 16:17-20]
Naho satani n’ibikoresho vyiwe bagize umugambi wo kuzimanganya izina rya Yesu Kristo canke kurititura bakarigabanya ubushobozi, vyarabananiye. Barananiwe igihe umwami Herode yica abana bose batarashikana imyaka ibiri barondera kwica Yesu Kristo, barananiwe aho bamubamba ku musaraba akazukana intsinzi ku rupfu, barananiwe aho bica intumwa ziwe kandi barananiwe aho baturirara, bakagaburira intambge amasinzi y’aba-Kristo ngo bakunde bazinukwe ukwizera izina rya Kristo Yesu.
N’uyu munsi uwo satani n’ibikoresho vyiwe ntaraheba, mbere hariho bene wacu b’Abarundi yagize imbata agenderako kugira ngo agabanye ubushobozi buri mu maraso Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yaviriye ku musaraba. Intumwa za satani ntizimaramara! Hari abiyimitse mu gishingo ca Kristo Yesu, abo bakavuga ngo Kristo ni ikivume ci Roma. Ukwo ni ugukeha ubgenge, ni ukurogota kandi ni ukugaragazwa n’impwemu ihumanye ibakubagura. Ntibamenye yuko KRISTO mu kigiriki risigura MESIYA mu giheburayo, uwasizwe amavuta canke uwatoranijwe. Kristo si izina risanzwe ni izina ry’icubahiro. Ni izina Uhoraho Imana yashize hejuru y’ayandi mazina yose kugira ngo muri iryo zina amavi yose apfukame, kandi n’indimi zose zature yuko ari UHORAHO mw’ijuru, kw’isi n’ikuzimu. [Abifilipi 2 :9-11] Haravumwe uwucokora iryo zina.
No muri Edeni, Imana yarabariye Adamu na Eva yuko Kristo, Messiya, uwasizwe amavuta, uwatoranijwe, urubuto azoza gukiza abantu ivyaha vyabo, yuko azoza kunesha ubushobozi bga satani [Itanguuro 3 :15] Izaburi za Dawidi n’ubuhanuzi bga Daniyeli burerekana ibikorwa vy’umukiza Uhoraho Imana yaragiye kurungika, ngo akize abantu ivyaha vyabo. [Zaburi 16,22, 45 na 110 ; na Daniel 9]
Abangushi uyu munsi bariyamamura ku mbuga ngurukana bumenyi ngo umuntu yo kwicuguza ibikorwa vyiwe bagomba gusubiza abantu munsi y’urusyo rw’ivyagezwe no kutizera ngo bizigire uwo mucunguzi, mu kumuvuga ku karimi gusa. Nta nyigisho z’amarangamutima n’ivyipfuzo vy’uturwi tw’abantu Abarundi bakeneye muri iki gihe. Abantu bakeneye kwihana kugira ngo bezwe n’amaraso ya Yesu Kristo, amaraso yamenetse rimwe rizima kugira ngo akize ivyaha uwizera wese. [Yohana 3:16] Utwo tugwi tw’inyererezi turimwo abigisha ivyo bemera batamitswe n’amadini bakama bariko baraharira kuko atakuri bafise. Kenshi bahagarara ku murongo wa Bibiliya maze bakubakirako inyigisho zabo kuko badafise ihishurirwa riva k’Uhoraho Imana. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebga n’umuyaga co kimwe n’amariba yakamwe atagira amazi. [2 Petero 2:17] Kubera ubugunge bgabo baragusuka bakigira kuko ni ba ntibidaba baba bashikije icagezwe c’uwabatumye. Naho mukwigisha bakoresha igitsure, iterabgoba no kwigira agahambaye, murabazibukire.Ntimushire imitima kuvyo bavuga n’ivyo bandika. Mu biyubare, musenge mubaze Imana ntimupfe kwemeranya nabo.
Bamwe bavuga ngo hariho ivyaha vyo munzu Uhoraho Imana atanezwe kuko nti bazi kwihana no kwezwa icarico. Uwuraho ngo mu muryano w’abubakanye, ugutukana no kurwana ngo si icaha! Nta nazi ingaruka zibabaje bigira ku muryango, ku bana no kugihugu cose. Ibihugu vyinshi biri mu ntambara y’ubgicanyi buteye ubgoba kubera yuko satani yabanje gusambura imiryango akayishiramwo induru. Abo bigisha yuko atari icaha usanga biha amazina y’ivyubahiro ngo ni abungere. Bibagiza abantu yuko mw’ijuru hazojayo abagororotsi. Utagororotse mu nzu utuyemwo wogororokera Imana utabona! Uhoraho Imana adusaba kuba abera mu ngeso zacu zose. [1Petero 1:15-17] Abo bigira abungere bigisha ibinyoma bariyizi kandi bariyumva.
Abandi bavuga ngo wo kwizera Yesu Kristo ukongera ukicunguza ukugororoka kwawe mu kwitondera ivyagezwe. Nti batazi akarimbi kari hagati y’ ivyagezwe n’uwabishinze. Ivyagezwe ni icirore gituma tumenya aho duhajije kugira ngo twikosore. Nti bishobora kudukiza canke kudutunganya uretse kuducira urubanza rwo gupfa. [2Abikorinto 3:6] Nico gituma tubarirwa kuvyitondera, kubisonera tutabarirwa kurongorwa navyo. Izo ntumwa za satani zinyegeza mu vyagezwe kugira ngo zititure igikorwa c’umusaraba, zaronse akajambo bagize “MURYE!” kitwa icagezwe, ISABATO. Ubabajije uti isabato ni iki, ni iyihe kandi yokiza abantu gute? Ururimi ruragoba. Abantu barakwiriye kudataragurika basimbira kuri ibi na biriya bakurikira inyigisho z’ubgije kandi hariho umuco uturuka k’Uhoraho Imana. Abo batazi kandi badatahura akamaro n’agaciro k’amaraso ya Yesu Kristo, bameze nk’abariye uburozi ntibatahura ico Yesu yahishuye kuri ka karorero k’umusamariya w’imbabazi kandi ntibazi yuko abahagararira ivyo vyagezwe aribo bashoye Kristo Yesu ngo ni abambge. Abo nyene nibo basasitse inganda bica amasinzi y’abantu babahora Umwami n’Umucunguzi Yesu Kristo, ngo bahagarariye ivyagezwe vy’Imana. Barabaze Intumwa Pawulo abacire agace. [Abigalatiya 1:13] Ubuzimiri buri kwinshi. Umwami wacu Kristo, arikwije, ni Uhoraho Imana, ntumugerekeko ivyagezwe canke izindi ntonde wigeneye kuko ubgo ni ubuzimire. Harageze yuko umuntu wese yiyambura inyigisho z’amadini n’abiyita abanyabgenge b’ivyanditswe kandi ari inyererezi kuko ata gakiza karimwo. Umuntu wese asenge Imana ahagararire ukuri. Umwami Yesu Kristo Yamamare!