
UMU-KRISTO WESE AKWIRIYE GUKORA UHORAHO IMANA.
Abantu benshi baradukengurukiye cane kubera yuko twabigishije kwihana no kwezwa kugira ngo bategereze Uhoraho Imana yacu. Baciye bibaza bati none hakurikira iki ko twahejeje kwihana no kwiyeza tukaba twatunganijwe n’amaraso ya Yesu Kristo? Ikindi twokora ni igiki? Hariho abashobora kubaha inzira idashika, bakorosha ibintu ngo
genda witondere ivyagezwe ntibanakubgire nya vyagezwe wokwitondera ivyarivyo. Mwibuke yuko ivyo vyagezwe biremereye gusumba amabuye vyandikishijwe inyuguti, kandi inyuguti zirica ariko Mpwemu atanga ubugingo. [2 Abikorinto 3:6] Kugira ngo ugororokere Imana uca mu nzira y’intambge 7, umuntu wese ategerezwa gucamwo. Ni wisuzume rero ukore ico utari bgakore canke ushire umurindi muvyo uriko urakora.
- Wizere Umwami Yesu Kristo akubere Umukiza wawe kugira ngo ushobore kuronka ubuzima budashira [Yohana 3:16]
- Wihane ivyaha vyose n’akaha wakoze kugira ngo usomorwe ubumara bga satani bugutandukanya n’ubgiza bg’Imana. [Abaroma 3:23]
- Ubatizwe muri Yorodani mw’Izina rya Yesu Krito, ikimenyetso co gupfa, guhambanwa no kuzuranwa na Yesu Kristo. [Abikolosayi 2:12]
- Wuzuzwe Mpwemu Yera abe ariwe akurongora muvyo ukora vyose.
[Abayefeso 5:18, Abaroma 8:14] - Wame usenga ubudasiba kugira ngo umutima wawe wame ushima kandi usenga Imana. [1Abitesalonike 5:16-18, Abaroma 12:1, 1 Abikorinto 6:19-20]
- Wame uvuga ubutumwa, ushinga intahe kugira ngo ushikane abandi ku gakiza, bagororokere Uhoraho Imana. [Matayo 28:16-20]
- Ukwama ukora ibikorwa vyo kugororoka. Ivyiyumviro vyawe, imvugo zawe n’ivyo ukorera abanda vyerekane yuko ukundisha Uhoraho Imana umutima wawe wose, ivyiyumviro vyawe vyose n’ivyo utunze vyose kandi ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. [Matayo 22:36-40]
Umwami Yesu Yamamare!
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APPMOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181