
INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA ICENDA
Yesu ashimwe cane Hanga Ryera ry’Imana. Muri rusangi iki kibazo kigira icenda abantu nka bose barashoboye gutora inyishu z’ukuri zose. Tuboneyeho akanya ko kubakeza mwese kuko mwarateye intambge mu bumenyi Mpwemu w’Imana yashatse yuko umuntu wese ariko araja mw’ijuru akaba kandi yiteze isezerano Uhoraho Imana yasezeaniye igihugu cacu c’Uburundi aba afise. Iyo tuvuze ivyiza biri mw’isezerano Uhoraho Imana agiye gushitsa ku gihugu cacu, hariho abashira imitima n’ivyizigiro vyabo kuri iryo sezerano gusa. Uko siko bikwiriye kumera. Dushira umutima wacu n’ivyiyumviro vyacu vyose ku bgami bg’Imana n’ukugororoka kuko niryo sezerano ry’iteka twahawe. Isezerano ry’igihugu c’amata n’ubuki ni inyogera nkuko Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo yabitwigishije muri [Matayo 6:33].
Nkuko musanzwe mubizi, ku kabazo kose hatangwa inyishu zine mugabo ugahitamwo imwe y’ukuri. Tubandanye dukora ikizamini ca nyuma arico kigira icumi, inyuma yaho tuzoca duhabga impapuro zo kuba twarashirutse ubute bita certificat mu kinofonofo. Umwami Yesu abahezagire.
AKABAZO KA 1: IHANGA RYERA RY’IMANA RYASHIRIWEHO
a) Kuzigama ivyagezwe no kuvyamamaza mu yandi mahanga.
b) Gushigikira amadini n’amashengero no kwifatanya nayo.
c) Kwirata yuko ryamenye ukuri no kugaragaza ibibi vy’abandi.
d) Kwezwa no gukwiza ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana mu kujana ikanguro ryo kwamamaza Yesu Kristo.
Nkuko dusanzwe tubizi, Ihanga ry’Abayuda niryo ryashiriweho kuzigama ivyagezwe nk’uko ryanaribika mw’isandugu y’isezerano. Ryari ryarahamagariwe kuduza ibendera ry’ivagezwe kugira ngo n’ayandi mahanga abimenyereho. Ihanga Ryera ry’Imana rirongorwa na Mpwemu w’Imana rigakurikiza ivyagezwe vyose vy’Imana nkuko rigenda rirabihabga mu rugendo ririmwo. Ntiryashiriweho kwifatanya n’amadini canke amashengero ngo riyashigikire kandi naho rihishurirwa ukuri kwose n’Uhoraho Imana, ntiririho ngo ryagirize aba na bariya ivyaha vyabo mugabo twese Ihanga ry’Imana twahamagariwe kwigisha ukuri kwose kugira ngo abantu bose bahindukirire agakiza kabonerwa muri Kristo Yesu.
Inyishu y’ukuri ni D kuko twese hamwe ata numwe avuyemwo, duhamagarirwa kweza no gukizwa neza kugira ngo tuje mu mirimo y’Imana yo gukwiza ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana mu mahanga. Ukwo nikwo gukwiza ishimwe ryayo. [1Petero 2:9] IHANGA RYERA RY’IMANA
AKABAZO KA 2: IMANA IJE GUSHITSA ISEZERANO KU GIHUGU KUKO a) Ababa mu gihugu bakora ivyaha birenze urugero.
b) Abantu bahanuwe bakagamika izosi none bagiye guhanwa. c) Kuko igomba guhora amaraso yasesetse mu gihugu kuva kera. d) Yitoranirije Ihanga ngo rikwize ishimwe ryayo.
Uhoraho Imana yacu ntaje gushitsa isezerano ku Burundi kubera yuko Abarundi aribo bakora ivyaha birenze gusumba ayandi mahanga. Hariho ivyaha vy’urukozasoni bikorerwa n’ahandi. Si Abarundi gusa, isi yose yarahanuwe kwihana no kugarukira Imana mugabo ababa kuriyo bose bagamika izosi. Uravye n’amaraso aseseka hirya no hino kuri iy’isi, si mu gihugu cacu honye, hagiye haraba ubgicanyi mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi, haraba intambara hirya no hino n’ibindi vyaha bihitana ubuzima bg’abantu nk’ubgicanyi bg’iminsi yose, ugukorora inda, uburozi n’ibindi vyinshi vyatikije inganda kuko ikuzimu kwa satani bama basaba ibimazi vy’amaraso y’abantu uko ukwezi gutashe.
Inyishu y’ukuri rero ni D kuko Uhoraho Imana aje gushitsa amasezerano ku gihugu c’Uburundi kuko turi Ihanga yitoranirije. Mu nyishu zarengenye twarabonye ingene umuhanuzi Yesaya yeretswe ivyerekeye igihugu c’Uburundi ingene iryo hanga rigiye gutwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose kuko Imana yaduhaye imbuto y’agakiza. [Yesaya 19:1-25.]
AKABAZO KA 3: ABA KRISTO BATEGEREZWA KUBA ABERA
a) Mu kwubahiriza Isabato n’ibindi vyagezwe icenda.
b) Mu gusenga no gufasha abagowe bo mu mashengero.
c) Mu kugenda barigisha ijambo ry’Imana inzu kunzu.
d) Mu kwihana neza, gutungana no kurongorwa na Mpwemu Yera muri vyose.
N’uko nyene iy’isi yacu yamaze kuvangirwa na Satani, nayo ahandi bavuze umu – Kristo, umuntu wese yategerezwa kwumva umuntu ari mu muryango w’Imana, umuryango w’ABERA. Intumwa Pawulo, kuko yarafise amabanga menshi yo mw’ijuru, mu kuranutsa beneData yagira ati muntahirize abera bose bo muri Yesu Kristo bo hiyo canke ati abera bose barabatasha. [Abifilipi 4:21, 2 Abikorinto 13:13]
Ukiri hano kw’isi, ushobora kuba uwera uri muri Kristo Yesu honyene. Kwubahiriza isabato co kimwe n’ibindi vyagezwe vyose ni vyiza cane mugabo ntumenya umwanya uzomara uvyubahiriza kuko ushobora gutsitara kuri kimwe ukaba ubaye umunyavyaha ruhebga kuko ivyo vyagezwe ntibishobora kukubabari
IHANGA RYERA RY’IMANA
canke ngo bikweze. Turi munsi y’isezerano rishasha ritagizwe n’ivyagezwe vyandikishijwe inyuguti mugabo ivyagezwe vya Mpwemu kuko ivyandikishijwe inyuguti birica ariko impwemu ihesha ubuginfo nkuko biri [2Abikorinto 3:6]. Gusenga no gukora ibikorwa vy’urukundo ni vyiza kandi no kugenda turigisha ijambo ry’Imana ni vyiza cane, ariko sivyo bitweza. Amaraso ya Yesu Kristo niyo yonyene ashobora gutuma duharirwa ivyaha twakoze kandi akanatweza tukaba abera. [1Yohana 7-9]
Inyishuy’ukurireroniD,itubgirakwihana,gutungananokurongorwanaMpwemu Yera kuko Bibiliya itubarira neza yuko ducika abana b’Imana ataruko dukoze ikindi kintu mugabo ari uko twemeye kurongorwa na Mpwemu wayo. [Abaroma 8:14]
AKABAZO KA 4: MU GUKORERA IMANA UMUNTU YO
a) Kwumvira umutima wiwe akaraba uko abandi babigenza.
b) Banza kuja mu mashure ya Bibiliya akaronka impamyabushobozi.
c) Senga Imana akamenya umuhamagaro wiwe maze akayikorera nkuko arongorwa.
d) Banza kurindira akaronka ubutunzi bukwiriye kugira ngo ntatukishe izina ry’Imana.
Kugira ngo dukorere Imana mu kuri ntitwobikora nkuko tuvyumva mu mitwe canke mu mitima yacu kuko umutima w’umutu urihenda cane. Kandi naho amashure ya tewologiya n’ayandi mashuri y’ijambo ry’Imana ari meza si impamyabushobozi zitangwa n’ayo mashure zidushoboza gukorera Uhoraho Imana mu kuri. Nico kimwe no kwibaza yuko umuntu azobanza kurundarunda ubutunzi bgo muri iy’isi kugira ngo akorere Imana. Vyose ni ukwihenda gusa. Kugira ngo Umuntu amenye yuko ashobora gukorera Uhoraho Imana nuko aba akijijwe neza, atajwi rimwagiriza ikibi mu mutima wiwe kandi Mpwemu w’Imana amushingira intahe akamubgira ati genda gukorera Uhoraho.
Inyishu kuri iki kibazo ni C ivuga yuko umuntu yosenga akamenya umuhamagaro wiwe hanyuma Imana ikamurongorera gukora igikorwa cayo. Ibi nti bisigura yuko aba-Kristo baca bicara ngo Imana ntaco yabatumye. Uwakijijwe wese ategerezwa kubgira abandi iciza kiri mu kwakira Umwami Yesu Kristo kuba umukiza wawe nico cagezwe abizera bose bahawe. Yesu yatubgiye ngo tuje guhindura amahanga tuyabarira ubutumwa bgiza. Sangiza intahe yawe abandi ubabarire ingene Yesu Kristo ari mwiza. [Matayo 28 :16-20]
IHANGA RYERA RY’IMANA
AKABAZO KA 5: MU GIHE C’INTAMBARA UMU-KRISTO ATEGEREZWA
a) Kunyegera kure kuko atakirwanishwa ashobora gufata.
b) Kuja ahabona akitega ibintu vyose kuko aba ariko uburinzi.
c) Kuja gukora ibikorwa vyo gutabara mbabare zose ku rugamba.
d) Gushira umutima munda agasenga Uhoraho kugira ngo amenye ico akwiriye gukora.
Mu gihe c’intambara umu-Kristo ntakwiriye kwifata uko abonye kwise. Hariho inyifato ibereye uwamenye Yesu Kristo kugira ngo agume mu kugororokera Uhoraho Imana. Inyishu y’ukuri ni D kuko turakwiriye kwama dusiguza Imana mu bihe vyose kugira ngo tumenye ivyo dukwiriye gukora. Ihanga Ryera ry’Imana ryishimikije Bibiliya Yera rirabashikiriza impfunguzo 10 wokoresha kugira ngo ugumane n’Uhoraho Imana mu bihe bihoye kuko: “Iyo hatari uguhishurirwa, abantu bagenda uko bagomba, ariko uwitondera ivyagezwe aba ahiriwe. “[Imigani 29:18] Abakristo bategerezwa kumenya ingene bifata mu bihe vy’umunezero, ibihe vy’amagorwa n’ibihe vy’intambara kugira ngo boye gutabagurwa na satani canke ngo bacumure kubera ukutamenya.
Turagomba yuko umuntu wese asuzuma umutima wiwe yihane, yezwe kugira ngo amenye yuko ari umuhigwe canke ari umutsindwa. Igipimo kiri muri [Matayo 5:1- 10] Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yarerekanye abahingwe abaribo mu bihe bigoye kandi n’umwanditsi Dawidi yarerekanye ibibereye vyigikundiro muri [Zaburi 133:1]. Imana irazi yuko ari mu kunyura mu bigeragezo dushikira ukubona ubgiza bgayo ni naco gituma yaduhishuriye ivyo tugiye gucamwo iduha n’impamba zo guca mu mibabaro. Ngizo rero impfunguzo 10 zo kunesha tukazosohoka nkabahizi mu bihe bigoye igihugu cacu n’isi igiye kunyuramwo .
INGENE UMUKRISTO AKWIRIYE KWIFATA MU BIHE BIGOYE VY’INTAMBARA
Urupfunguzo rwa 1: Kwemera yuko ibigeragezo bisanzwe mu buzima. Intumwa Pawulo iratubgira iti: “Bakundwa, ntimwibaze ngo si ibisanzwe guca mu bibagerageza iyo bibashikiye” [1Petero 4:12] Na Yesu Kristo ubgiwe yarageragejwe arababazwa gushika naho ashika ku rupfu rubabaje kandi ruteye isoni ku buryo ata mwana w’umuntu yari yotahuye. Yesu yavuze ati: “Mwibuke ijambo nababariye, umushumba ntaruta shebuja, niba barampamye namwe muzohamwa.” [Yohana 15:20]
Urupfunguzo rwa 2: Kumenya y’uko ibintu vyose bituzanira ivyiza. [Abaroma 8:28] hatubgira yuko tuzi ko ibintu vyose bikoranira kuzana ineza y’abubaha Imana, kubahamagawe kubgo umugambi wayo. Uri mu mugambi w’Imana rero ntaco gutirimutsa. Wame ufise ivyizigiro yuko Imana muri kumwe.
IHANGA RYERA RY’IMANA
Urupfunguzo rugira 3: Turashobora kurinda kandi tukanesha ibigeragezo vyose. Ntimuzi yuko Uhoraho Imana atazorekura ibigeragezo tudashobora kwihanganira? Turasoma yuko: “Ata kigeragezo cabashikiye uretse igisanzwe ku mwana w’umutu; Imana ni iyo kwizigigwa, ntizokwemerera ibabagerageza birengeye inkomezi zanyu kuko izobacira icanzo kugira ngo muneshe” [1Abikorinto 10:13] Mwame muzirikana yuko azi ibitugerageza kandi yiteguye kuturamira.
Urupfunguzo rugira 4: Harura vyose nk’umunezero. Mu bihe bigoye dutegerezwa kubinezereregwa navyo kuko ari nayo nzira yo gukomezwa no gutabagwa. Vyumvikana umengo ntibihuye, ariko niko dutegerezwa kubigenza kuko dusoma ngo: “Bavukanyi, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mwiyumvire yuko arivyo kunezereregwa rwose” [Yakobo 1:2] “Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze nkuko mubonye akatarabonetse. Ariko munezereregwe n’uko mufatanije imibabaro na Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishugwa kw’ubgiza bgiwe muze munezeregwe muhimbawe.” [1 Petero 4:12-13]
Urupfunguzo rugira 5: Gukura inyigisho mu mageragezwa. Nkuko twabibonye ibigeragezo bituma ukwizera kwacu gukomezwa kandi tukaharonkera ukwihangana. [Yakobo 1:2-3] Burya iyo umukristo adaciye mu bigeragezo, ukwizera kwiwe kuba magonyagi kandi ntashobora kunesha canke ngo afashe abandi. Iyo ukwizera kwawe kudaciye mu bigeragezo umenye neza yuko hariho ibitagenda neza kuko uba utaranakuzwa mu kwizera. [1 Petero 1:6-7]
Urupfunguzo rugira 6: Gusukura imigenderanire n’Imana. Ibigeragezo bitegerezwa kutwegereza Imana Nyen’ingabo. Igihe turiko turaca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, ntitukagire ikibi dutinya. Kubera iki? Kubera yuko Imana iri kumwe natwe. [Zaburi 23: 4] Igihe twegereye Imana tuba twegereye isoko yo kwirugwa no guhozwa amarira. “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse. Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, ariko Uhoraho ayamukiza yose. Azozigama amagufa yiwe yose nta na rimwe rizovunika.” [Zaburi 34:18-20]
Urupfunguzo rugira 7: Guhanga amaso ijuru aribgo bgami bg’Imana. Iy’si turimwo itegekwa na Satani [2 Abikorinto 4:4] dutegerezwa kuzirikana yuko isi yose yasutswe na satani. [Ivyahishuriwe Yohana 12:9] None rero ntitwotangazwa n’uko isi yuzuyemwo umubabaro, inzara, indwara, urupfu n’ububisha. Twiyumviriye ivyo tubikiwe, tubibona muri [1 Abikorinto 2:9] yuko ari “ivyo ijisho ritigeze kubona, ivyo ugutwi kutigeze kwumva n’ivyo umutima w’umuntu utarigera utahura. Ivyo nivyo Imana yabikiye abayikunda.” IHANGA RYERA RY’IMANA
Urupfunguzo rugira 8: Rondera impanuro ku bizigirwa no ku Mana Nzima. Dusoma mu [Imigani 11:14] yuko ababuze abarongora b’ubgenge abantu barahenebera, ariko mu nama ya benshi habonekamwo amahoro. Ntaco rero umuntu aba, iyo asavye impanuro abandi ahubgo biramukiza. Muri ico gihe umuryango, abagenzi, abungere wizigiye bashobora kuguha impanuro nziza zijanye n’ibihe murimwo. Mu gihe ata muntu yahawe ubgenge n’Imana ngo abarongore fate umwanya wo gusiguza Uhoraho ico mukwiriye gukora.
Urupfunguzo rugira 9: Wame usoma Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Dusoma muri [2Timoteyo 3:16-17] yuko ivyanditse vyera vyatanzwe vyahumetswe n’Imana kandi yuko bitugirira akamaro bikaduhanura, bikatwigisha, bikadutunganya, bikadutoza indero nziza mu kugororoka kugira ngo umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiriye vyose ngo akore igikogwa ciza cose. Umuntu yokwama afata umwanya wo gusoma ijambo ry’Imana mu bihe bigoye kandi akama aryiyibutsa kuko rimuha ivyizigiro n’umunezero.
Urupfunguzo rugira 10: Senga Imana umwanya wose. Turasanga muri [1Yohana 5:14] ubushizi bgubgoba dufise mu kwizera iMana yuko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ico igomba itwumva, ikakiduha. N’uko rero nkuko dusenga dushobora “Kwegera intebe y’Imana y’ubuntu n’imbabazi dushize ubgoba kugira ngo turonke ikigongwe, tubone n’ubuntu bgo kudutabara no mugihe kigoye.” [Abaheburayo 4:16]
Ugendanye izo mpfunguzo 10 z’umu-Kristo, hariho ibintu 5 utegerezwa gukora ngo ntugwe mu kutamenya mu gihe aho uherereye hari intambara. (1) Ntugapfe gufata ingingo yo guhunga. (2) Rondera ubgihusho canke ubgugamo bukomeye; (3) Ntukagende imbokoboko, witwaze akabando, icuma canke ikindi; (4) Umu-Kristo ntatega ngo bamugirire nabi, arigwanako agakingira n’abandi; (5)Uguteganya vyankenerwa vyo kunywa, kurya no kwivuza.
Umwami Yesu Kristo yamamare!