
IBIVUYE KU MUSOZI W’AMASENGESHO 26-06-2021
Ijambo ry’Uhoraho Imana ryongera kwururukira ku musavyi wayo ari mu ntara ya
Gitega riti: “Mwana w’umuntu, Subira uburire ihanga ryanje Ryera nitoranirije.
Uribarire uti shikama ushire amanga kuko ndiyiziye muri kwa kwezi, wa munsi na
ya saha bababariye. Uti Teyuda ariko arayovya abantu abasuka mu gukwiragiza
udufoto twiwe ari ku nderuzo ngo Jewe Uhoraho naramutoranije, ngiye
kumuvunagura giturumbuka amaso y’abantu bose arorera kandi abo
bamukurikira ngo hari ivyo yabemereye mu gihugu canje nitoranirije; bazojana
nawe babe intabire yo ku musozi n’amashamba, ni wa mwana wo kuranduka.
Mwana w’umuntu bgira ihanga ryanje Ryera, umwe wese amesure imvune yiwe,
yiyeze kandi yitunganye muri vyose kugira ngo yitegurire rya sango kandi
ubasomere muri [Yeremiya 16:1-21]”
- Ivyago bigiye gutera
1 Ijambo ry’Uhoraho rinzak’ ukundi gusha, 2 riti Ntukabire umugore, canke ng’
uvyarire abahungu n’abakobga aha hantu. 3 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize ku
vy’abahungu n’abakobga bavukira aha hantu, no ku vya ba nyina babatwaye
inda no ku vya ba se babavyariye mur’ iki gihugu: 4 ati Bazopfa rubi:
ntibazoborogerwa, ntibazohambga; bazoba nk’intabire yometse ku misozi:
bazoba bamazwe n’inkota n’inzara; kand’ imivyimba yabo izoba inyama z’ibisiga
vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw isi. 5 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nturuhe winjira
mu nzu y’abagandaye, ntuje kubaborogera canke kubaririra; kuko nkuye
amahoro yanje kur’ ubu bgoko, bo n’imbabazi no kugirirwa neza, ni jewe Uhoraho
mbivuze.
6 Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu
ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babimwere ibimwerere:
7 kandi nta bazosangira ibiryazagu vyabo; ababuze se canke nyina
ntibazobazanira ikarabo ryo kubibagiza umubabaro. 8 Kandi ntuze winjire mu nzu
y’amazimano ngo wicarane na bo, usangire na bo. 9 Kuk’ ukw ari ko ngize, jewe
Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nti Raba aha hantu nzohaca ijwi
ry’ibitwengo n’iry’ umunezero, bo n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, mbikore
mukibona mukiriho.
10 Maze ni wamenyesha ubu bgoko ayo majambo yose, bazokubaza, bati N’iki
gitumye Uhoraho atugenera ivyo vyago vyose bikomeye birtyo? Mbeg’
ukugabitanya kwacu n’iki? Cank’ icaha twakoze k’Uhoraho Imana yacu n’iki? 11
Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bamutaye, ni k’Uhoraho agize,
bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta,
ntibitondere ivyagezwe vyiwe; 12 kandi namwe mwakoze ibibi kurusha ba