
IHANGA RYERA RY’IMANA NTIRISAMAZWA RIGUMA KU BIKORWA RYAHAMAGARIWE.
Umurwanizi akoresha amayeri menshi, adashoboye ku gukoresha ivyaha, aragusamaza kugira ngo agutuze ntuzobandanye urugendo. Ni ukumwankira ukabandanya ibikorwa wahamagariwe.
Nti wibaze yuko ategerezwa gukoresha abandi bawe gusa. Atuma intumwa mu muryango, agakoresha abo mwahorana mu bikorwa vy’Imana kugira ngo bagusamaze. Benshi bakoresha ibintoma abandi bagatanga ingurire n’ibiturire mu baganza kugira ngo baguhungabanye. Ariko weho, ushikame ushire amanga kugira ngo ukomeze kuzanira iminyago Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo. Ni umunezero ntangere kuri aba beneData bo mu ntara ya Ngozi bigishijwe bakakira Yesu Kristo hanyuma bakabatizwa. Baramirize mu kugororoka tubandanye urugendo kuko Umwami wacu Yesu Kristo araje gutanga ingero. Amen!