
UMURARIKIRO W’AMASENGESHO Y’UMUNSI UMWE 7/7/21
Igihe cose ijuru rirarikiye abantu gukora amasengesho adasanzwe ya bose, duhora duca tubibamenyesha ngo muyitegurire kandi muyakorane umunezero. Mu gusenga twisonzesheje tuhakura inkomezi nyinshi zo mu buryo bg’Impwemu zituma duhagarara kandi tukanesha ibitero vya satani.
Aya masengesho y’amasaha 12 ni ayo gushimira Imana ku bikorwa bitangaje yadukoreye, ivyo iriko irakora n’ivyo yimirije kudukorera. Mu gushima Imana harimwo inkomezi zidasanzwe.
URUTONDE
- Ukwiyeza no kwitunganya muri vyose kugira ngo twegere intebe y’Imana.
- Gutazira no gushima Uhoraho Imana kuvyo yadukoreye, ivyo ariko arakora n’ivyo agiye kudukorera.
- Tuzoririmba indirimbo za 136, 186, 188, 197 na 202
- Tuzosoma amazaburi ya 98, 99, 100, 146 na 149
- Tuzotazira Imana kandi tuyishimishe amajwi yacu mu ndirimbo no gusenga tuduza amajwi.
- Tuzotanga ishikanwa umwe wese uko ashobora kandi arongorwa kw’igenekerezo rya 21/07/2021.
- Tuzosengera Ihanga Ryera ry’Imana ryose n’umurongozi Uhoraho yahaye kurirongora.
- Imana imugumizeko imbabazi n’ubuntu bgayo.
- Imana imugumizeko uburinzi n’ubudahangarwa.
- Imana imwongere inkomezi n’ubgenge bgo gushikana Ihanga ryose kuvyo yasezeraniye.
- Tuzosengera amakozi b’Imana n’abanyengabire kugira ngo Imana ibazitirire ntibadendebukirwe canke ngo bavangirwe.
Umwami Yesu Kristo Yamamare, Amen, Amen, Amen!