Ihanga Ryera ry’Imana mu ntara ya MWARO riguma rigasara

MUBICANIRO VY’IHANGA RYERA RY’IMANA MU NTARA YA MWARO.

Iyo hageze ibihe vyo gukorera igihugu no gukorera imiryango yacu mw’Ihanga Ryera ry’Imana tuba abambere tugakorana umwete n’ubgira. Iyo hageze gusenga naho ni nk’aho haba hageze gukumburukanya ivyo iyo iwacu mw’Ijuru. Nkuko muvyibonera kuri kimwe mu bicaniro vy’amasengesho y’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana mu Ntara ya Mwaro dusidukana n’iyonka tukiyeza, tugatazira, tugasenga, tugasangira ijambo ry’Imana nayo ikatuganiriza mu kutwibira amabanga bigatuma tugendera mu muco.
Ivyumba vy’amasengesho biruzura hakazima, Imana irateishimira kanatsinda yarafuhaye abakozi bayo yemera bakayemerera. Muntu uri mu micubgararo, Umwami wacu Yesu arakurindiriye ngo usangire umunezero n’abera. Arakubohora imigozi y’amacakubiri y’amoko, imigambge, amadini n’ibindi maze aka kugira umuraganwa nawe w’ijuru.
Umwami Yesu Kristo yamamare!