


UMUBATIZO W’IHANGA RYERA RY’IMANA MU GISAGARA CA BUJUMBURA KUWA 10/07/2021
Nk’Umwamu n’Umukiza wacu Yesu Kristo yabidutegetse nk’uko tubisanga muri [ Matayo 28:16-20] tuguma tunyuragira igihugu cose c’Uburundi nk’uko tubigira no mu bindi bihugu biri kuri iy’isi dutuyeko twigisha ubutumwa bgiza bubohora ababoshwe, buruhura indushi bugashikana benshi ku Kwizera, kwihana no kugiroroka.
Abizera bose turababatiza, ababatijwe bose bakegera imeza y’Umwamu n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Twigisha abantu kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yacu , kurongorwa na Mpwemu Yera no kuba abidegemvya mu kugendera mu kuri.
Uyu munsi twari twatewe iteka ryo kubatiza abizera bashasha kuko turondera iminyago tuzoshikiriza Umwami Yesu Kristo mu gihe kiza.
Muntu utarizera, Muntu ukiboshwe n’amangetengete, muntu ukiboshwe n’inyigisho z’amadini canke utabatijwe umubatizo w’ukuri; izi mburi zicana canako hirya no hino zirakuraba igihe kiraje aho Abera bagoma kwambuka. Ntusigare inyuma utizeye ngo ubatizwe, utihanye neza ugira ngo ubeko uburinzi bg’Imana. Ifatanye n’Ihanga Ryera ry’Imana, Amen.
Umwami Yesu Yamamare!