

AMABANGA AVUYE KU MUSOZI W’AMASENGESHO KURI UWU WA 14-07-2021
Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese mwakiriye Yesu kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bganyu. Ubu butumwa ni ubganyu vy’umwihariko. Bantu mwese, uko muri kwose n’aho muri hose mwumva Uhoraho Imana avuze mukagira muti amen, mwakire ubutumwa bg’ibanga bgururutse buva mw’ijuru. Ijambo AMEN ni ururimi rwo mw’ijuru twosigura mu Kirundi nka ni bibe gutyo. Nti mugatinye kurikoresha nk’uko abadayimoni batinya iryo jambo kuko ryuzuye ubushobozi co kimwe na HALELUYA, co kimwe na KRISTO risigura MESIYA barayumva bakadegedwa. Mbere imburabgenge rigerageza gutukira iryo zina ry’ubushobozi. [Abifilipi 2:9, Ivyakozwe n’Intumwa 4:12]
Mu ndwi iranganyiye, abari ku bicaniro vy’Ihanga Ryera ry’Imana vyose uko birenga 90 twarababariye yuko ijuru ryahamagariye ABERA bose gusengera Umurongozi,abanyengabiren’abandibakozibosebobaabarimw’Ishengerorya Yesu Kristo canke abakiri mu madini n’amashengero atandukanye yikorewe n’abantu. Twabibabariye kubera yuko Uhoraho Imana yari yavuze yuko hariho ubutumwa buri mw’ibahasha bugiye guhishurwa n’abahizi mu kwegera no gusiguza Uhoraho Imana. Benshi baribajije bati ayo mabanga ni ayahe ko Ihanga ry’Imana ryamaze guhabga ukwezi, itarike n’isaha isezerano rigiye gushikirako!
Ayo mabanga ni ayo kumenywa na beneyo bose mbere na satani akamenya yuko ataco yambariye kuko dufise Imana Nyeningabo izi vyose, ibona vyose na hose kandi yibira amabanga abasavyi bayo:
- Ubgambere, satani yateguye ibitero bikomeye ku basemerezi bose, abasenzi bose n’ivyumba vy’amasengesho bikorerara mu kuri no mu kugororka; akoresheshe abadayimoni n’ivyitso vyabo bisanzwe biri hano kw’isi. Ni kugira ngo agerageze kuburizamwo amasezerano no guhungabanya Ishengero rya Yesu Kristo ririko rirategura umugeni.
- Ubgakabiri abadayimoni bahimirizwa kuza ku bginshi bavuye i kuzimu mu bgami bga satani, baciye mu tuburi dutandukanye turi mu gihugu ariyo matongo y’abapfuye n’ahantu hose hari imva z’abapfuye batubaha Imana. Umugambo wabo ni kugira ngo baze gufata mu mugongo ingabo satani yahagurukije mu binyegeza mw’ijambo ry’Imana n’ishitswa ry’amasezerano kugira ngo barwane. Abo ntibashobora kwatura yuko Yesu Kristo ari Uhoraho, bamubangikanya n’ibindi bibarekera mu vyaha.
- Ubugira gatatu abadayimoni baje bakubita urutoke ngo abgomba kuzibira umugeni ngo ntaduzwe mw’ijuru. Bagomba kandi kuzimya Ingabire z’abavugishwa n’abavugabutumwa b’Ihanga Ryera ry’Imana
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APP:ISEZERANO TEL: +257-61097472 IHANGA RYERA RY’IMANA
ngo zirababangamiye kuko ivyo bategura vyose n’ivyo bariko barakora vyose bica bimenyekana.
Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese mufise ibanga ry’Imana ryo kwemera no kwerekwa amabanga y’ijuru no kw’isi, iki ni ca gihe co kutanjanjwa kuvyo IMPWEMU YERA ahishura. Kubgivyo mushikirijwe izi ngingo zikurikira:
- Umwe wese yiyeze mu kwatura ivyaha vyiwe vyose no mu kwihana ubutagisubira inyuma kandi atunganye ingeso ziwe muri vyose kugira ngo agororokere Imana n’abantu no mu tuntu duto duto. Tugeze mu gihe Mpwemu w’Imana ashaka kuvugana n’umwe wese. [Abalewi 20:7-8, Yoshuwa 3:5, 1Petero 2:9-12]
- Umwe wese yigirwe kure kandi ntashire umutima ku vyiyumviro n’inyigisho z’ivyo bikoresho vya satani bitatura yuko Yesu Kristo ariwe Uhoraho, Itanguriro n’iherezo rya vyose, Inzira n’ukuri n’ubugingo n’isoko y’ukubaho kwacu. Utaravye neza basa n’abakozi b’Imana kandi bakoresha ishaka n’ubgira. Mugabo igipimo ni kimwe gusa: Baratinya izi rya Yesu Kristo uko riri. Rwanye kandi mutsinda abo badayimoni n’impwemu zinyegeza mw’ijambo ry’Imana, bishira hejuru maze Yesu Kristo yamamare! [1 Yohana 4:3-6]
- Sengere abera bose na cane cane umugeni agiye gutaha, mutarira canke ngo mu nihe ahubgo munezerwe mu shima Uhoraho Imana yuko bagiye kuruhuka imiruho y’iy’isi. Musengere umurongozi w’Ihanga Ryera ry’Imana n’abahagaze ku munara w’amasengesho bose. [Matayo 24:24]
- Fate Bibiliya yawe mu kuboko kw’iburyo, werekeze ahari irimbi canke akaburi ariryo tongo ry’abapfuye. Abahizi barishikira kw’itongo ry’abapfuye, tuvuga yuko abafise ibanga ryo kwugara amayira y’ikuzimu barazi aho baja n’ingene duhora tubigenza. Umuntu wese asenge yugaza amarembo y’ikuzimu, umpwemu mbi ziseruka zishe , zipfe, kandi n’umuriro w’amasengesho umanuke ikuzimu kwa satani. Satani nazoducana umutaru kuko nico twahamagariwe ijoro n’umurango. [Matayo 16:17-190
- Dushime kandi twigina Uhoraho Imana yuko agiye gushira abansi bayo munsi y’ibirenge, tumushimira ivyiza yakoze, amabanga yahishuye n’ingene agiye gutabara abera bose aho bashagaje mu gihugu no kw’isi. [1 Abitesaloniki 5:16-18]
Urwo rugamba rwacu si mu majambo canke imihango yo gutongera, kandi si mu bipfunsi canke mu bikoresho vy’umubiri, ni ku mavi, mu vyiyumviro, mw’ijambo ry’Imana no mu masengesho y’urutavanako. Amasengesho niyo migozi tubohesha ivyitso vya satani vyirirwa biraroha hano kw’isi kandi niwo muriro duturiza satani n’abadayimoni biwe biwe. Yesu Kisto yamamare!