

WOVUGA GUTE YUKO WUBAHA IMANA KANDI UTUBAHA IVYAGEZWE VYAYO? UKWO NI UKWIHENDA.
Ku bicaniro vy’Ihanga Ryera ry’Imana, ibiri mu gihugu cacu c’Uburundi n’ibiri mu makungu hiyo mu mahanga iyo Abarundi basabagiriye, twahawe urutonde rwo gushimira Uhoraho Imana no kuyigira kubera ubuntu, urukundo rwayo rutangaje.
Ni ngaho kuri ivyo bicaniro twigira kwubaha Uhoraho Imana muri vyose. Kugendera ivyagezwe vyayo mu kurongorwa na Mpwemu Yera. Ntawoshobora kuvuga ngo arubaha Uhoraho Imana kandi akigendera mu vyaha:
- Ntawovuga yuko yubaha Imana kandi agupfukamira izindi mana, agisenga ibishushanyo, akiraguza, akibandwa kandi agipfa kuvuga izina ry’Uhoraho Imana kuvyo ubusabusa. Uwubaha Imana arubahiriza n’ikimenyetso c’ukwera kw’Imana ariyo sabato, umunsi wo kuruhuka no gutazira maze abantu bakama bejejwe kandi bahesha Imana icubahiro muri vyose. [Kuvayo 20:1-11]
- Ntawovuga yuko yubaha Uhoraho Imana kandi akigarariza ntiyubahe amamuruta n’abavyeyi biwe, akibesha, aciba, acica, agisambana, akigira ishari, ari ikinebge, acagiriza abandi ibinyoma, acipfuza, acihora agakora n’ibindi bizira. [Kuvayo 20:12-20]
- Ntawovuga yuko yubaha Uhoraho Imana kandi atejejwe mu mutima wiwe no mu ngeso ziwe, akigunga abandi, adafasha aboro, abarwaye n’abageze mu zabukuru. Atitaho ababoshwe, impfuvyi n’abapfakazi; ataja guhindura amahanga abigishwa ba Yesu Kristo, atumvira Mpwemu Yera ngo amurongore mu nzira zose zo kugororoka. [ Matayo 28:16-20, Yohana 13:34-35, Zaburi 114:10, Abaroma 8:14]
Ntihakagire uwibesha ngo yibande ku gice kimwe ca Bibiliya ngo yiyibagize yuko Imana yahumetse isezerano rya kera yuko ariyo yahumetse isezerano rishasha. Kandi ivyagezwe vy’Imana ntituvyamiza mukakanwa kuko indyadya z’abafarisayo zibigenza, turabibamwo bigatuma ukubaho kwacu guhimbara Imana kuko yagize iti: « Nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muribo, mu mitima yabo niho nzovyandika; nzobabera Imana nabo babe abantu banje. Kandi ntibazoba bacigishanya ngo umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana ati menya Uhoraho; kuko bose bazonyimenyera… » [Yeremiya 31:33-34, Abaheburayo 10:14-17].
Ntihakagire uwacunguwe n’umwe anyiganyizwa canke ngo azimizwe n’utujambo n’inyigisho z’abishira hejuru. Yesu Kristo niwe wenyene wo kwamazazwa ibihe vyose kandi tumenya neza yuko tumugororokeye iyo ata cagezwe na kimwe kidutsinda.
Ku bicaniro Uhoraho Imana araza akatuganiriza kandi akatwibira amabanga menshi atuma twama mu mashimwe. Kristo Yesu yamamare!