Umunezero n’amashimwe kubga beneData binjiye mu muryango w’Abera i Gitega. Babatijwe uyu munsi kuwa 17/07/2021

UMUBATIZO W’IHANGA RYERA RY’IMANANA WO KUWA 17/07/2021

Turi mu bihe bidasanzwe aho twahejeje kwibukanya ivyaciye mu buvugishwa vyose, ubuhanuzi twahawe bgose n’amasezerano Uhoraho Imana yaduhaye yose.
Twibukijwe kandi ingingo nkurunkuru umuntu wese muri twebge ategerezwa gusuzuma yuko akwije mu bugingo bgiwe: Ukwizera, ukwihana, ukubatizwa, ukwukuzuzwa Mpwemu Yera no gusuzuma yuko ata cagezwe c’Imana kuko mutsinda.
Twahamagariwe guhindura amahanga yose abigishwa b’Umwami n’Umukiza Yesu Kristo no kubabatiza. Ico nico twakoze uyu munsi aho beneData bizeye bakihana maze bakarura yuko Yesu Kristo ari Umukiza wabo babatijwe riva kandi twese twabanezererewe.
Mugenzi aho uri hose, ntugasamazwe n’ibitwenza, ibinezero, imigisha n’abasezerano gusa. Unezerererwe cane abihanye,ababatijwe na beneData bagiye gutaha ubukwe kuko hariho abacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo bagiye gutaha vuba.
Kuri iyindwi dutangura, uretse amasengesho yo kuwa 21/07/2021, tugiye kuguma dusengera umugeni agiye gutaha vuba cane. Bazoturamukirize Abera bose bari hariya bati ABERA basigaye mu gihugu barabatasha. Uti bari inyuma baraje. Tuzigamwe ngo twegeranye kandi dutegure umugeni.
Aba ni beneData binjiye mu muryango w’Abera uyu munsi.