



Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!
Hari ivyo satani yumva kandi akabonesha amaso maze agashangashirwa, akajugumira mbere bikamutera kudedemba. Ivyo navyo ni iyo ubutumwa bgiza bubohora ababoshwe buvyzwe, umunyavyaha akizera, akihana, akabatizwa maze akuzura Mpwemu Yera. Satani aca amenya yuko ibisaka vyiwe bihiye agatabaza abiwe bose kugira ngo bazimye uwo muriro. Ico adatahura n’uko igihinda ca Mpwemu Yera iyo cururutse na vyabiduga n’ibidege vya karuhariwe mu kuzimya nti vyegera. Barabaze ivyabaye i Yerusalemu umunsi wa Pentecôte igihe Mpwemu Yera yururuka. [Ivyakozwe n’intumwa 2:1-47]
Muri ibi bihe tugezemwo vyo gusenga twiyeza, tusengera umugeni; ntihagire uwubasamaza abazanira amajambo atagira akamaro [Yobu 15:3] uwo mumubgire yuko ariko arisevya kandi yuko azana amajambo asenyura abayumva maze uhite wigendera [2Timoteyo 2:14]
Ibi bihe turimwo, umuntu wese yitature na mugenziwe, usabe imbabazi aho ukwiriye kugizaba, uharire abagufitiye imyenda kandi wirinde icogucafuza cose kugira ngo wegere intebe y’Imana gusenga atajwi rikwagiriza ikibi.
Abo bariko baravuga ngo bigishijwe yuko KRISTO YESU atari muri Bibiliya mubahumurize kandi mubahe gusoma, mubigisha mu burwaneza yuko izo ari inyigisho ziva kuri satani, ubgambere yirengagiza yuko ijambo BIBILIYA ari ikigiruki risigura IGITABO mu kirundi, ubgakabiri yuko ivyo vy’amacakubiri y’amoko, imigambge, amadini n’ibara ry’urukoba atari impari z’uwa-Kristo kuko Uhoraho Imana dusenga ari MPWEMU itagira moko, imigambge , amadini…kandi yuko abayisenga bayisenga mu kuri no mu Mpwemu.
Ubgagatatu muti izo nyigisho zivuga yuko KRISTO ari ikintu kitari muri Bibiliya, uti musiguze neza KRISTO risigura MESIYA kandi muri Bibiliya yose niwe wenyene avugwa kuva mw’itanguriro gushika kw’iherezo muba gusoma muri: [Abaroma 3:24, 1Abikorinto 15:22, Abigalatiya 2:4 na 16, Abayefeso 1:3-4, Abifilipi 4:7, Abikolosayi 1:28, 1Abitesaloki 4:16, 1 Timoteyo 1:14, Filemoni 1:6, 1Petero 5:10] Kwigisha yuko Kristo ritari muri Bibiliya ni n’umuswa wihanga kuguguna ibuye ry’isare.
Umwami Yesu Kristo yamamare!