AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA YACU NI IGIKORWA TWAMIZAKO MW’IZINA RYA KRISTO YESU.
Abantu benshi baribaza ingene dukora iyo duteranye. Iminsi yose turaja ku mirimo itubeshaho kandi ikabeshaho n’imiryango yacu tukongera tukagira amakoraniro yo gusenga dushima Imana. Mu ntara zose zigize igihugu cacu c’Uburundi ndetse no mu bihe ndi bihugu vyo hafi n’ivyakure, Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga Ryera ry’Imana tuhafitiye amashengero n’ivyumba vy’amasengesho birenga 100. Ni umugambi Uhoraho Imana yitanguriye kandi agiye gukomeza kuko ni umugambi w’Isezerano ry’Uhoraho Imana wo gukwiza ubutumwa bgiza bg’umuvyuro n’ikanguro kuko igihe co kuvugurura no kuvyura amahema yaguye kirageze.
Aho ku bicaniro rero iyo dukoranye umuntu wese aba afise Indirimbo yahawe, canke ijambo ryo kwigisha, canke amajambo yahishuriwe, canke ururimi rutamenyekana, canke amajambo yo kurusobanura. Vyose bigakorwa kugira ngo abantu bakomezwe. [1 Abikorinto 14:26]
Iyo hageze gushima Imana naho, turasenga, tugatamba tugatarika mbere tukavuna ihunja. Turavuza ingoma, inanga, agashako, tukaririmba tuvyinira Umwami wacu YESU KRISTO na satani agata agahunga kuko Uhoraho adushariza akatwambika agakiza gakwiriye [Zaburi 149:3-4]
Ehe yubahonje ingene dutamba hamwe kuri kimwe mu bicaniro biri mu gisagara ca Bujumbura.
Umwami Yesu yamamare hose!