Ingendo n’inyifato ibereye usabga ku gira muri ibi bihe vyegereje.

IJURU RURATABGARIZA ABARI KW’iSI BOSE NA CANE CANE ABATIRANIJWE.

Aha kw’isi, mu gihugu no mu mashengero burije kandi umwiza w’umuzitanya warinkiye. Imvura iriko iranyanyaga kandi igiye kurwa irimwo n’igihuhusi. Ni igihe co kwegeranya ivyo ushobora gufungura no kunywa mu rushana. Wiyegereze udutara kandi wirinde kuja kure y’imuhira.
Ni igihe co kwama usoma Bibiliya, ukibuka ukuri wigishijwe n’amasezerano wahawe.
Ni igihe co kwegera igicaniro co mu mutima no mu muryango wawe; mukugara kugira ngo muje gusengera Data mu mpisho. Ni ukugira ngo wirinde ibigusamaza vyogukwegera akarambaraye. Mwirinde amatelefones n’imbuga ngurukana bumenyi. Mwirinde kuja mu madini n’imirwi y’abantu. Mwirinde kwisuka muvyo imihari n’imigambge kuko urukiza rwanyu ruturuka mw’ijuru k’Uhoraho Imana yanyu gusa.
Musengera abakozi b’Ihanga Ryera ry’Imana, musengere abera bose kandi nawe mwisengera kugira ngo mwuzuzwe inkomezi zo kunesha wa mubi. Burije mugabo bugira buce kuko Rubogorabugingo , Umwami w’amahoro, Uhoraho, Umukiza wacu Yesu Kristo agira yime ingoma.
Umwami Yesu yamamare!