
AHO BAFATA BAKABAMBA YESU KRISTO BAKICA N’INTUMWA ZIWE BARI BAZI YUKO BIHEREYE NGAHO: KUBESHUZA IBINYOMA NGO ABA-KRISTO NIBO BA MBERE KW’ISI BABESHA
“Abakirisu nibo bambere kw’isi babesha!” Iki ni ikinyoma cambaye ubusa kuko uwanditse ivyo ntavuga ngo atomore abandi yoba yagereranije nabo nk’aba- isilamu, aba-Buda, aba-Shembe canke ayandi madini. Ushima uyu avuga ibi yihenze cane, avuze aba-Kristo aba avuze bande? Aba-Katolika, Aba- Pentecotes, aba-Adventistes,…Bande ko iyo mirwi yose ari aba-Kristo. Afise intumbero yo gucafuza izina rya KRISTO gusa nkuko yama abigenza. Azirana n’umuntu yiswe Umwami akaba umwana w’imana. Uyu yandika ibi aguma akwiragiza udufoto twiwe bamuteruye ku nderuzo. Ntazi yuko kwigana KRISTO uba ubaye anti-Kristo canke kugerageza gutyoza izina ryiwe usa n’umuswa wihanze ibuye ry’isare. IGITARE [1 Petero 2:4, 1Abikorinto 10:1-5]
Yatanze “Uturorero” ngo:
1) “Nibo bonyene bubahuka kuvuga ko Yesu yakuyeho ivyagezwe vyose. Ntiturabona aho babisoma.” Iki ni ikinyoma cambaye ubusa kuko twebge nk’Aba-Kristo turazi neza yuko Yesu Kristo ataje gukuraho ivyagezwe ahubgo yaje kubishitsa. [Matayo 5:17]
2)” Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko dimanche ari umusi ugira indwi mugihe Igitabo c’ivyagezwe kivuga ko ari umusi wa mbere w’imisi indwi.” Ni ikindi kinyoma cambaye ubusa kuko aba-Kristo ntibemeza yuko Dimanche ari umunsi w’indwi, barazi neza yuko Samedi ariwo munsi ugira indwi mw’iyinga mbere n’inzinduzi (dictionnaires) zose ziravyemeza. Kuba Constintino yarafashe umunsi aba-Kristo ba mbere basengeko akawungururiza Dimanche yitwaje yuko benshi mu bapagani basenga izuba bakarisenga Dimanche canke Sunday, bakagira bati ko twese twemera Imana imwe tuninahaze umunsi Yesu Kristo yazukiyeko, ntivyitirirwa Aba-Kristo bose. Kiriziya yise Samedi kuwa gatandatu ntibisigura yuko Aba-Kristo bose bise Dimanche umunsi ugira indwi. Twebge turazi yuko Dimanche ariwo munsi wa mbere w’indwi [Luka 24:1-8, Itanguriro 2:2]
3) “Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko Yesu ari isabato yabo. Ntibigeze batwereka aho umuntu ahinduka umusi.” Aba-Kristo kuvuga yuko Yesu Kristo ariwe sabato yabo, bo baraza ico baba bavuze. Ubgambere isabato si amasaha agize umunsi. Hamwe vyoba ari ivyo Australia n’ibihugu bihegereye vyogira isabato yavyo, Uburundi n’ibihugu bihegereye bakagira isabato yabo, na Amereka n’ibihugu biri muri ako karere (fuseau horraire) bakagira isabato yabo kuko iminsi iratandukanye. Ubgakabiri isabato ni akaruhuko, ikimenyetso c’ukwera hagati y’Imana n’abantu. Ikimenyetso ni ikintu kiboneka. Ubugira gatatu Yesu Kristo yaje gushitsa ivyagezwe akongera akaba ariwe umwami w’Isabato nkuko vyanditse. None ugira uhave urutisha ikibumbano
uwakibumvye!!! Ubugira kane uri muri Yesu Kristo akizwa ivyaha vyiwe, agakizwa neza ntasubira gucumura, aba aruhutse umuruho w’ivyaha vyose. Ngiyo rero isabato y’ukuri kandi nico gituma kuba muri Yesu Kristo arikwo kuba mw’isabato y’ukuri. [Matayo 12:1-8, Mariko 2:23-28, Luka 1-5]
4)” Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko Pasika iza mukwakane mugihe Igitabo c’ivyagezwe kivuga ko pasika yama iba kumusi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere.” Mu Kirundi barayamaze bati uwugutuka ntagutore niko bimeze n’uwiyumvira kandi akandika ibi. Ubu mw’isi hariho ibirangaminsi bitandukanye kandi vyose vyazanywe n’abahinga. Bamwe bishimikije uko ukwezi guhagarara, abandi bishimikiza ingene izuba riba rimeze iyo uhagaze kw’isi, abandi bakoze ibirangaminsi bakurikije ukwezi n’izuba kandi hariho n’ibirangaminsi bitandukanye vyisunga ibindi binyenyeri. Ivyo biranga minsi vyose biratandukanye n’ikirangaminsi abayuda bakoresha. Abantu bose ntibisunga imico n’imigenzo y’abayuda. Ivyo uwanditse ibi atazi n’uko umunsi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere ushobora gushika igihe cose kuko bivana n’aho watanguriye guharura. Kandi urashobora kuba umuyuda ugakurikiza imigenzo yose n’ivyagezwe vyabo vyose uko birenga 613, ntibisigura yuko uba ugororokeye Uhoraho Imana gushika kw’iherezo. [ Guharura 28:16, Abalewi 23:5, Yohana 11:25-26]
5) “Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko le 25/12 ari umusi Yesu yavukiyeko ariko ntibigeze berekana aho babisoma.” Uwugomba guharira no gutunga intoke abandi ntashobora kubura ico ahagararako. Twese turazi yuko Yesu Kristo ari Uhoraho Imana yigize umuntu avukira mu mugore. Itariki yavukiyeko si kuwa 25 Kigarama kuko ntakitwemeza kihari, ariko Umwami n’Umukiza yaravutse kandi turigina umugambi w’Imana uhambaye wo gucungura abantu bose. Abagomba kwibagiza ivuka ry’umucunguzi bahagarara kuri vyinshi kugira ngo bace inkokora abana b’Imana mugabo ntibigera berekana umunsi yavukiyeko. Ico tuzi Yesu Kristo yaravutse aratuvukira kandi yaje kuducungura. Abashize uyo munsi kuri 25/12 bafise imvo zabo. Twebge igihe cose twibutse yuko Imana yihinduye umuntu kugira ngo iducungure turayishima. [Yesaya 9:6, Luka 2:1-20]
6) “Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko ikirangamisi Janvier février …. décembre ari ikirangamisi c’ukuri mu gihe Igitabo c’ivyagezwe gifise ikirangamisi gihera kuri Nisani ….kigahereza kukwezi kw’icumi na kabiri arikwo Adari.” Uwandika ibi vyo gutyoza aba-Kristo avanga amajambo y’igifaransa nayo igiheburayo. Ahagarara cane kuri Bibiliya mw’isezerano rya Kera gusa. Ubgambere yita Bibiliya ihitabo c’ivyagezwe, ubgo ni ubuzimire. Yama avuga ngo Ijambo Bibiliya ntaho turisanga kuko asukiranya indimi atazi aho zamuka. Ijambo igitabo mu Kirundi ni Bibiliya mu kigiriki [ Ivyahishuriwe Yohana 22:18-19] Bibiliya rero igizwe n’ibitabo 5 gusa vy’ivyagezwe, ibitabo vya kahise, ivyo ubuhanuzi, ivyo amajambo ndyoheramatwi, ivyo inkuru nziza… Vyosentawovyita
igitabo c’ivyagezwe atari umuzimire!! Biboneka yuko uyu atyoza aba-Kristo apfa kwivugira gusa kuko avuze yuko umwaka uhera kuri Nisani ukarangirira kuri adari, ntasigura ayo majambo ico ahagarariye, ukwo kwezi ukwariko naho aba yahereye mu guharura. Abantu nkabo bapfa kwivugira ibintu ni ukubirinda kandi naho binyegeza muvyo Imana, Bibiliya ibagereranya n’amariba atagira amazi n’ibicu bitagira imvura. [2Petero 2:17]
7) “Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko idini gatolika ari ishengero ry’ukuri, mu gihe Igitabo c’ivyagezwe kivuga ko ari malaya w’agahebuza.” Winyegereza ubga kera ugatinda ugahinyuka. Yatanguye avuga Aba-Kristo muri rusangi mugabo ubu arageze aho atuka kiliziya gatolika avyenyuye. Nti turi ngaha ngo twigire abavugizi ba Kiliziya Katolika mugabo utanguye gutuka umuntu ntaco uba ukimumariye kuko nta n’impanuro woba ukimuhaye. Bibiliya iratubarira ivya nyina wa Malaya benshi bita Malaya w’agahebuza muri [Ivyahishuriwe Yohana 17:5] abasesanguzi batandukanye bakavuga yuko ari kiliziya katolika, mugabo iryo jambo katolika ntanaho riri muri Bibiliya. Uwo atukira abandi hari naho nawe nyene yosanga ari ikivyarwa ca Malaya ntawobimenya uravye yuko atinya kuvuga izina rya Kristo. KRISTO ni izina risigura MESIYA, uwasizwe amavuta, uwatoranijwe, izina risumba ayandi mazina yose, izina abantu bose bakirizwamwo kandi tumuzanga muri Bibiliya kuva mu kuvayo gushika mu Ivyahishuriwe Yohana. Uwuritinya aba akubagurwa n’impwemu zihumanye [Abifilipi 2:9]
8)” Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko umuhero wa vyose uje mugihe Igitabo c’ivyagezwe kivuga ko Yesu UMUCUNGUZI agira yime ingoma ariyo ngoma y’amahoro y’ibihe vyose.” Uyu yandika ibi ntiyigera asoma Bibiliya yose, ngira aguma yisomera ibitabo bitanu vy’ivyagezwe gusa naho atazina YE SU ririyo rirabonekera mu bikorwa vyiwe. Aho kumwita MESIYA canke KRISTO aguma atinya kuvuga izina abadayimoni bose bumva bakadegedwa. Akoresha ijambo UMUCUNGUZI, naryo ni ryiza mugabo kugira ngo akire kandi abohoke ni yature KRISTO. Igituma tuvuga yuko adasoma Bibiliya yose n’uko tuzi neza yuko azogaruka kubicu kandi bose bazomubona. [Ivyahishuriwe Yohana 1:7[ Kandi yuko azocira imanza abariho n’abaphuye. [Yohana 5:26-29]. Uwo muhumvyi yandika amateshwa ntiyemera yuko Kristo Yesu azoza gutora ishengero ryiwe ngo aritware mw’ijuru kandi ari naryo sezerano twama tuvuga vyanditswe mu majambo yivugiye. [Luka 24:50].
9) “Nibo bonyene bashoboye kwemeza ko ab’isirayeli b’ukuri ari abazungu ko na Isirayeli Y’UKURI ari iy’abazungu mugihe Igitabo c’ivyagezwe kivuga ko ab’isirayeli b’ukuri ari abirabure na Isirayeli Y’UKURI ikaba iy’abirabure.” Uko uyu muntu aguma yibazako afise ivyo yagiriza abana b’Imana aribo ba-Kristo ni nako aguma yishira akagozi mw’izosi. Ngo ab’isirayeli b’ukuri ni ab’irabure, ngo
abisirayeli ba Fake nabo ni abazungu. Ngo Adamu, Aburahamu, Mose, Dawidi bari abirabure, ngo abahanuzi b’Imana bose, na Yesu Kristo, na Pawulo na YohanayanditseIvyahishurebariabirabure.Ahon;iyoatanditse ivyoimigambge, amoko, amadini n’imiryango biri mu gihugu c’Uburundi ngo ace yiyerakana bamureruye ku nderuzo ngo n’umwami w’Uburundi! Uhoraho Imana aba-Kristo b’Abarundi dusenge si inzungu, si inyirabure canke inyarabu. Dusenga Imana YEHOVA, itanguriro n’iherezo, yamyeho iriho kandi izokwamaho. Dusenga Imana yaremye ibintuvyose ikoresheje ijambo ryayo gusa kiretse umunsi yarema umuntu. Iyo Mana ni Mpwemu, abayisenga nabo bayisenga mu kuri no mu Mpwemu. Ivyo vy’abazungu, abirabure, n’ayandi macakubiri ni atware muri babandi twama twumva biririmba ngo ni beza kubera impwemu ya satani yabinjiyemwo. Twebge turi Ihanga ry’Imana rigizwe n’abantu bose. [Yohana 16:13, Ivyahishuriwe Yohana 7 :9, 22 :13]
10) « Nibo bonyenyene bashoboye kwemeza amahanga ko umuntu ashobora kwibazira igishushanyo akagishira mu nzu yiwe canke murusengero kigahabwa icubahiro. Ivyo bir’uko mugihe ijambo ry’Imana rivuga ko kizira kwibazira igishushanyo canke kucikubita imbere muburyo unwo aribwo bwose. » Ngira uyu muntu yabuze amajambo akoresha kugira ngo atuke Umwami n’Umukiza Yesu Kristo kuko avuga ngo abamwizera bibazira ibishushanyo bakabisenga. Twebge turi aba-Kristo ntabishushanyo tubaza, ntavyo dushira ku misozi canke ngo tubishire mu masengero no munzu zacu ngo tubihe icubahiro. Turazi kandi turubahirizwa ivyagezwe vy’imana na cane cane ivyo kwibazira no kwibumbira ibishushanyo [Kuvayo 20 :4-6] Usanga azi amadini yibazira canke akibumbira ibishushanyo, ubona yuko biriho kw’isi, yoyegera akayereka ivyo yibaza yuko ari ukuri; akareka kubeshera Kristo n’umugeni wiwe. Yomenya yuko Aba-Kristo b’ukuri batarongorwa n’ivyagezwe kandi yuko batavyirengagiza. Barongorwa na Mpwemu w’Imana abashitsa ku kugorororka kwose, ivyagezwe bikababera nk’umunzane canke indorerwamwo. [Abaroma 8 :14, Abigalatiya 5 :18, Abaroma 2 :12, Abaheburayo 10 :16, Ezekiyeli 11 :19, Abaheburayo 10 :1-4]
Mu gusozera, uyu yanditse ibi birego bidafashe arega Aba-Kristo bose avuga ati :
« Reka ngeze ngaha ibinyoma vy’abakirisu ntawobidondagura ngo abiheze. Nabo ubwabo ntibavyibuka vyose. » Yibagira yuko atakuri na kumwe yavuze kuko atakwo yanerekanye canke ngo basi apfume ahagarara ku murongo wa Bibiliya yise igitabo c’ivyagezwe, ngo yerekane ishingiro ry’ivyo avuga.
Naho yoba yavuze ibisa n’ukuri, ukuvuga ukuri ukakuvuga igice canke ukakwongeramwo ibinyoma vyose bingana no kubesha.