Umubatizo w’Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana i Nduta muri Tanzaniya

UMUBATIZO W ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYERA RY’IMANA MURI TANZANIYA

Umukunzi w’Imana w’ukuri ntarangwa n’amajambo menshi ahubgo arangwa n’ibikorwa vyo kugororoa. Ivyo bikorwa navyo si ibindi ni ukugenda nkuko Uhoraho Imana yatugeze kugenda no kwitwara mu vyiyumviro , mu mvugo no mubikorwa.
Ivyo navyo bishikana abandi ku kwizera, kwikana, kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera maze n’abo bakazana abandi benshi kugagiza.
Abo muzobona baguma begeranya amajambo agira abo asosera gusa, bakama bafise ivyo bagiriza kandi bakishira hejuru y’abandi; abo muzomenye yuko ari abafarisayo bo muri iki gihe.
Uhoraho Imana yatubariye ati: “ Uwizera kandi akabatizwa azokira, ariko uwutizera azotsindwa n’urubanza” [ Mariko 16:16]. Imana ntizotubaza igitigiri n’ikiguzi c’amasengero meza twubatse, ntizotubaza amazu imiduga n’iyindi migambi twaranguye kw’isi. Naho navyo ari vyiza, izotubaza imitima twahikanye ku gakiza kuzuye.